Uko wahagera

Bubanza: Abarenga 4000 Baramaze Guheba Amashure Kubera Ubukene n'Inda


Rimwe mu mashure abanyeshure benshi baho bahevye ishure i Bubanza
Rimwe mu mashure abanyeshure benshi baho bahevye ishure i Bubanza

Mu gice ca mbere conyenye c'umwaka w'ishure wa 2022 ushira 2023, abanyeshure bo mu mashure y'intango n'ayisumbuye barenga ibihumbi bine ni bo bamaze guheba ishure mu ntara ya Bubanza mu burengero bw'Uburundi. Ubuyobozi bujejwe indero buvuga ko ubukene bwo miryango n'imbanyi zitifujwe biri mu bituma nyamukuru vyo guheba ishure.

Abavyeyi batari bake mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi bemeza ko abana benshi bo mu mashure y’intango n’ayisumbuye baheba kubera ubukene buri mu miryango butuma bataronka imfungurwa zihagije.

Emmanuel Ngendabanka, umuhanuzi ajejwe imibano wa bulamatari wa Bubanza avuga ko abana baheba ishure batera ibibazo mu kibano. Nk’akarorero yemeza ko abenshi baca baja mu biyayuramutwe abandi mu busuma.

Intara ya Bubanza mu mwaka uheze hahevye amashure abanyeshure barenga ibihumbi 18 nk’uko ubuyobozi bw’indero mu ntara buvyerekana. Ibitigiri bishikirizwa n’ubushiranganji bujejwe indero n’inyigisho navyo vyerekana ko mu mwaka uheze abanyeshure bangana n’ibihumbi 200 bahevye ishure mu gihugu cose.

Fyonda hasi wumve ibindi muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Kuki Ibiharuro vy'Abanyeshure Batwara Inda Vyiyongera mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:15 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG