Uko wahagera

Burundi: Ibiziga Bimaze Iminsi Bitorwa mu Ruzi Rusizi Biva he?


Uruzi Rusizi rugabura Uburundi, u Rwanda na Kongo ahamaze igihe hatorwa ibiziga
Uruzi Rusizi rugabura Uburundi, u Rwanda na Kongo ahamaze igihe hatorwa ibiziga

Ibiziga 22 ni vyo bimaze gutorwa muri komine Rugombo y'intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Ivyo biziga bitorwa ahanini ku nkengera z'uruzi Rusizi rugabura Uburundi n'ibihugu vya Kongo n'u Rwanda. Abanyagihugu basaba ko haba amatohoza kugira hamenyekane ukuri kuri ivyo biziga.

Bulamatari wa Cibitoke, Careme Bizoza avuga ko abatorwa bashobora kuba ari abanyagihugu baturuka muri ivyo bihugu bibiri bibanyi. Nka bose abatorwa ari ibiziga basanzwe ku nkengera z’uruzi Rusizi rugabura ibihugu vy’Uburundi na Republikaya Demokarasi ya Kongo.

Bamwe batowe bamaze kononekara, abandi batekeye mu mifuko nk’uko bamwe mu banyagihugu bavyiboneye babibwiye Ijwi ry’Amerika.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico abategetsi b’uturere twegereye uruzi Rusizi mu Rwanda na Kongo bavuga kuri ico kibazo rihamagara umwami Kinyoni wa gatatu wo mu kiyaya ca Rusizi ku ruhande rwa Kongo co kimwe na Anicet Kibiriga, umukuru w’akarere ka Rusizi mu burengero bw’u Rwanda, konyene gakora ku ruzi Rusizi.

Uwa mbere yatubwiye ko adatangira amakuru kuri terefone, uwa kabiri nawe ko ari mu nama adusaba kumuha ubutumwa bwanditse ariko kugera igihe twategura iyi nkuru ntiyari bwatwishure.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG