Kuri uno wa mbere mu Burundi hahimbajwe umusi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi ku ncuro ya 32. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yifadikanije n’abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega.
Yasavye abarundi kuvavanura n’amacakubiri yazingamitse igihugu bakamenya ko bose ari abarundi.
Abantu isinzi bagizwe n’abana n’abakuze, abatamvyi b’imvyino zihayagiza akaranga k’Uburundi n’abavuzi b’ingoma tutibagiye abategetsi batandukanye, bari bitabiriye ivyo birori.
Uwo musi mukuru wahimbajwe ku civugo kigira giti : "Indongozi ni zo nkingi n’inkizo y’ubumwe bw’abo zirongoye, tubere abandi akarorero."
Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yamenyesheje ko amabi yose Uburundi bwaciyemwo bwayakwegewe n’indongozi zibi.
Inyuma y’intambara yari ifatiye ku moko yabaye mu makomine ya Ntega mu ntara ya Kirundo na Marangara mu ntara ya Ngozi mu mwaka w’1988, haciye hatunganywa ibiganiro vyo kunywanisha abarundi mu gihugu cose kuko vyaboneka ko bene izo ntambara zari zimaze kwizizira abarundi.
Inyuma y’ivyo biganiro habaye amatora yo kwemeza amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi yari ashimikiye mu kunywanisha Abarundi, bo nyene, bakiyemerera ko bavavanuye n’amacakubiri aho aturuka hose, yaba ay’ubwoko canke ay’intara.
Ayo masezerano y’ubumwe bw’Abarundi yaremejwe igenekerezo rya 5 ukwezi kwa kabiri umwaka 1991 ku majwi angana na 89%. Intara ya Cankuzo niyo yaje imbere mu kwemeza ayo masezerano kuri 98% nayo intara ya Bujumbura iba iya nyuma kuko yemeje ayo masezerano kuri 62%.
Facebook Forum