Uko wahagera

Ubutariyano na Libiya Vyasinyiraniye Amasezerano mu vya Gaze


Umuhsikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Giorgia Meloni kumwe na Prezida wa Aljeriya Abdelmadjid Tebboune
Umuhsikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Giorgia Meloni kumwe na Prezida wa Aljeriya Abdelmadjid Tebboune

Libiya n’Ubutariyano vyasinyiraniye amasezerano yo gukorana mu vyo guhanahana gaze. Ayo masezerano afise agaciro k’amamiriyaridi 8 y’amadorali y’Amerika yasinywe hagati ya Sosiyete y’Ubutariyano yitwa Eni, n’iya Libiya yitwa NOC.

Amasezerano yasinywe mu rugendo umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano, Giorgia Meloni, ariko akorera I Tripoli muri Libiya. Amaze gusinywa, Giorgia Meloni yavuze ko ari amasezerano azofasha cane impande zose agira ati: “ Azotuma haboneka ubuzi, akomeze igihagararo ca sosiyete Eni.”

Amasezerano hagati y’Ubutariyano na Libiya azomara imyaka 25. Ni amasezerano abonwa nk’ayashobora kuza gusahiriza gaze Ubutariyano bwahora bukura mu Burusiya imbere y’uko intambara burimwo na Ukraine yaduka: Ibihugu bitari bike vya Buraya biriko biriga ingene bishorera gaze vyahora bikura mu Burusiya ku mugabane wa Afurika. Ubutariyano ahandi bwatanguye kuraba ko bwoza burakura gaze ni muri Aljeriya.

Hambavu y’igisata c’ubutunzi, ibindi vyatwaye Giorgia Meloni I Tripoli birimwo ikibazo c’abimukira, aho bitegekanijwe ko aganira n’abategetsi ba Libiya ku kibazo c’abimukira baca muri ico gihugu bagana mu Butariyano.

Kuva Mouammar Kadhafi avuye ku butegetsi mu 2011, Libiya isigaye ari nk’igitarurwa abimukira benshi bo muri Afurika yo munsi ya Sahara, abakomoka mu bihugu vy’abarabu n’abava ku mugabane wa Aziya yo mu maj’epfo bacamwo kugira bashike ku mugabane wa Buraya.

Giorgia Meloni agifata ubutegetsi mu kwezi kwa cumi ko mu 2021, yavuze ko azohigura n’abimukira baza mu Butariyano baciye mu nzira zitemewe n’amategeko.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Butariyano buvuga ko mu 2022, abimukira barenga ibihumbi 105 binjiye mu Butariyano biciye mu nzira zitemewe n’amategeko.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira, OIM, rivuga ko ibahari ya Mediterane icamwo abo bimukira ari inzira ya mbere igoye gucamwo. OIM yerekana ko mu 2022, abagera ku 1377 baguye muri iyo bahatri bagerageza kuja i Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG