Uko wahagera

Icuka kibandanya kuba kibi hagati ya Isirayeri na Palestine


Icuka kibandanya kuba kibi hagati ya Isirayeri na Palestine. Ibitero bibiri vyagabwe muri Isirayeri ejo ku wa gatanu n’uno munsi ku wa gatandatu vyahitanye muri rusangi abantu 7, bikomeretsa 2.

Igitero c’ejo ku wa gatanu mw’ijoro cagabwe n’umunyepalestiniya yicishije amasasu abantu 7 abasanze mu micungararo y’I sinagogi iri mu buseruko bw’I Yeruzalemu. Ico gitero ni co gitero gihitanye benshi kuva mu 2008.

Uno munsi ku wa gatandatu naho, umuyabaga wo muri Palestine yagavye igitero c’amasasu mu buseruko bwa Yeruzalemu, akomeretsa umuhungu na se wiwe.

Ibitero vy’uno munsi n’ejo bije bikurikira ibitero vy’indege Isirayeri yagavye ku wa kane muri Palestina bigahitana abanyagihugu 9. Isirayeri mu kugaba ivyo bitero yasiguye ko ibikoze mu ntumbero yo kwihanikiriza umurwi wa kiyisilamu ugizwe n’abanyepalestina witwa Jihad, “ Wari ufise imigambi kuyitera.” Palestina ntiyatevye gusubiriza mu ndumane Isirayeri mu kumijagura ibisasu vya roketi ku butaka bwayo.

Polisi ya Isirayeri itangaza ko imaze guhagarika abantu 42 ikeka ko bafise uruhara mu bitero biriko biyigabwako.

Hagati aho, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, ku wa mbere bitegekanijwe ko azoja I Yeruzalemu, aho azovugana n’abategetsi ba Isirayeri kuri iki cuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG