Uko wahagera

Burundi: Reta Yafashe Amahera Yose ya Econet


Ahakorera Econet mu Burundi
Ahakorera Econet mu Burundi

Ikigo kijejwe gutoza amakori n'amatagisi ya Reta mu Burundi OBR cafashe amahera yose ari ku makonte ya kompanyi yo gutumatumanako Econet Wireless Burundi.

Abakoresha serevisi z'ugutanga no kwakira amafaranga bakoresheje uwo muhora babuze ayo bacira n'ayo bamira. Ntibashobora kubikuza amafaranga yabo. Iyo kompanyi iheraniye Reta imiriyaridi zirenga 88 z'amafaranga y'Amarundi hamwe n'imiriyoni zirenga 44 z'amadolari ya Amerika.

Mu mabanki yose n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, nta muntu n’umwe ashobora gutora amafaranga afise muri Ecocash kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa 26 ukwezi kwa mbere umwaka w’2023.

Umwe mu bantu baranguza amafaranga biciye mu buryo bw’iterefone butandukanye akorera hagati mu gisagara ca Bujumbura yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Nagiye muri Ecocash no muri banki , bambwiye ko ata mahera ariho. Nagarutse uko. Niyumviriye abantu bahora barangurira amafaranga i wanje muri ubu buryo bukoreshwa ku materefone, naho na jewe mfise amafaranga yahezeyo, numva mpakwa kuzungurirwa. Hari abantu bohomba amamiriyoni kandi ayo mafaranga kenshi usanga atari ayabo".

Aho ubabonye hose, abatunzwe n’ugutanga canke kubika amafaranga kuri Ecocash urabona ko bafise umwiheburo. Bamwe bararamukanya, ata kumwenyura. Agahinda mu mutima. Isinzi ry’abantu biriwe ku cicero gikuru ca Econet ku murwa mukuru w’ubutunzi.

Isinzi ry’abantu biriwe ku cicero gikuru ca Econet ku murwa mukuru w’ubutunzi.
Isinzi ry’abantu biriwe ku cicero gikuru ca Econet ku murwa mukuru w’ubutunzi.

Econet-Leo ni wo muhora wa mbere mu Burundi ukoreshwa n’abantu benshi. N’uburyo bwo guhanahana amafaranga biciye ku materefone bw’uwo muhora ni bwo bukoreshwa na benshi. Umwe mu bacuruza amafaranga ayarungika mu ntara zitandukanye yabwiye Ijwi ry'Amerika ko izo ngorane zizogira ingaruka mbi cane ku banyagihugu bo mu mitumba kurusha.

Ku gicamusi co kuri uyu gatanu, ikigo OBR casohoye itangazo kivuga ko amafaranga cahagaritse ku makonte ari ayakoreshwa na Econet ariko ko ay’abanywanyi bafise mu buryo bwa Ecocash atakomakomwe kandi ko beneyo bashobora kuyabikura. Mugabo mu ngiro si ko biri.

Umukenyezi yaganiriye n’Ijwi ry’Amerika ku murwa mukuru wa Bubanza mu burengero yavuze ko atashe imvumure ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu.
Abacuruza b’amahera bo mu ntara ya Bubanza nabo nyene bemeza ko agahombo ari kose. Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika nabo nyene bavuze ko ataco bahanovye mu bubiko bwabo.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya uko vyifashe mu ntara zindi ribaza abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega irimwo umurwa mukuru wa politike hagati na hagati mu Burundi, basigurira umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ko ingorane n’abo mu gisagara c’ubutunzi na Bubanza.

Abanyagihugu Batandukanye Bemeza ko Ikibazo ca Econet na OBR Cabagizeko Ingaruka
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00

Mu kwa cumi na kabiri umwaka uheze, Prezida Ndayishimiye yari yagabashije kompanyi zo gutumatumanako avuga ko zinjiza umurengera ariko mu kigega ca Reta zigashirayo imbuzakurahira. Yatangaje ko ikibazo cazo ari we ubwiwe bwa minwe azocifatira mu minwe.

Si incuro ya mbere kompanyi Econet igabishwa na Reta. Mugabo ni ryo rya mbere amakonte yayo ahagarikwa. Ikigo OBR canagabishije amabanki n’ayandi mazu yo kubitsa no kuguranana Econet ifisemwo amakonte ko uwutazoyafata ari we azoca ariha mu kibanza cayo kuko azofatwa nk’umufatanyacaha.

Umwaka uheze mu kwa munani, iyindi kompanyi yo gutumatumanako yarafuswe n’ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ikoranabuhanga mu Burundi ARCT. Naho Smart Burundi ivuga ko yishuye amadeni yari ifise agera ku miriyoni 3.2 z’amadolari ya Amerika, ico kigo cavuze ko hari ayandi angana n’imiriyaridi icenda z’Amarundi y’ibirarane n’ibihano itatanze.

Mu Burundi ubu hasigaye ama sosiyete yo gutumatumanako atatu: Econet, Lumitel na Onatel. Iyo ya nyuma yegukira Reta ikaba imaze imyaka ikora vyanke bikunde. Prezida Neva yavuze mu mpera z’umwaka ko iyo biba biva kuri we yosezereye abakozi bayo bose akabasubiriza urwaruka rutagira akazi, abagiriza kuba ibinebwe no kutamenya ico bashaka hamwe no guhomvya igihugu.

Econet Wireless yanse kugira ico ishikirije kuri iki kibazo. Ibitigiri bitangwa n’ikigo Ecofin kiraba ibijanye n’ubutunzi muri Afrika, vyerekana ko mu Burundi umwaka uheze bwarimwo abantu 7 798 885 bakoresha terefone ngendanwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG