Uko wahagera

Burundi: Inkuru y'Ingene Nikiza Yakoze Amatara, Aha Akazi Urwaruka


Landry Nikiza yashinze ihinguriro "Nikiza Bio Energy"
Landry Nikiza yashinze ihinguriro "Nikiza Bio Energy"

Mu gihe mu gihugu c'Uburundi havugwa ibura ry'akazi, hari umusore yahisemwo kwishingira imirimo. Landry Nikiza yifashisha ubumenyi yize muri kaminuza mu gukora za ampoules hamwe n'ivyuma bitanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y'izuba. Uruganda ruto yuguruye ku murwa mukuru wa politike Gitega ruronsa akazi urundi rwaruka.

Landry Nikiza yashize ihinguriro ryiwe ritoya muri karitiye ya Magarama. Ni hagati na hagati mu gisagara ca Gitega ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi. Uwo musore yahejeje igice ca mbere c’amashure ya kaminuza kuri kaminuza y’ubuhinga n’imyuga iri i Gitega, yasiguriye umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza, ukungene yiyumvisemwo gutangura umugambi nk’uyu, n'ingene ahingura ayo matara.

Landry Nikiza Ahingura Gute Amatara?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00

Ivyo umusore Landry Nikiza ahingura bishorwa mu gihugu cose. Avuga ko agitangura bitari vyoroshe kubera uburyo bwose bwava ku mufuko wa se amuvyara. Uwo musore naho afise ukwicisha bugufi ntashake kuvuga ivyo yinjiza mu buryo bw’amafaranga yemeza ko ivyakora bimubeshaho n’abandi.

Landry Nikiza ahanura urundi rwaruka kutadebukirwa mu buzima akitangako akarorero, asigura ko yamaze imyaka itatu akora ubushakashatsi bw’ivyo akora, imbere yo kugira intambwe atera.

Landry Nikiza ari aho ahingurira ibitandukanye birimwo amatara (Ampoule)
Landry Nikiza ari aho ahingurira ibitandukanye birimwo amatara (Ampoule)

Ku rundi ruhande, bamwe mu bakorera ishirahamwe "Nikiza Bio Energy" rya Landry Nikiza bemeza ko ribafitiye akamaro: Patient Tuyishimire, arikorera yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ubu yitunze agahamagarira urundi rwaruka kutama ruzeye inze.

Bamwe bakozi bakorera ishirahamwe Nikiza Bio Energy rya Landry Nikiza
Bamwe bakozi bakorera ishirahamwe Nikiza Bio Energy rya Landry Nikiza

Mu ntambamyi ishirahamwe "Nikiza Bio Energy" rya Landry Nikiza rivuga ko rihura nazo, harimwo kurinda kuvana mu Bushinwa ibikoresho ryifashisha.

Nikiza Bio Energy rikoresha umutahe yatse mu kigega c’igihugu kijejwe gusahiriza urwaruka. I ruhande y’ico kigega, hari n’ibanki y’urwaruka. Ariko umukuru w’ishirahamwe Parcem, Faustin Ndikumana, asanga ivyo bisata bidahagije. Avuga ko ari naco gituma urwaruka rwinshi ubu rusuhukira mu bihugu vy’akarere.

Ibiharuro bitangwa n’amashirahamwe y’urwaruka mu Burundi vyerekana ko ibice 55.2% vy’urwaruka rwo mu mitumba ata kazi rufise mu gihe ababa mu bisagara bashomereye bashika ku bice 65.4%. Ayo matohoza nyene yerekana ko mu Burundi abakiri bato ari bo benshi: Abafise imyaka iri musi ya 25 ni 65% nayo abari musi ya 35 bakaba 75%. Rusansuma ya nyuma y’Abarundi yo muri 2008 nayo yerekana ko muri rusangi urwaruka rungana n’ibice 66% vy’Abarundi bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG