Uko wahagera

Mo Ibrahim: Uburundi na DRC ku Rutonde rw'Ibihugu ata Ntwaro Ibereye Bigira


Mo Ibrahim yatanguje Mo Ibrahim Foundation
Mo Ibrahim yatanguje Mo Ibrahim Foundation

Ikigo " Mo Ibrahim Foundation”, c’umutunzi karuhariwe w’umwongereza yamuka muri Sudani catangaje ko mu bice bitari bike vya Afrika umutekano wabaye muke na demokarasi iragabanuka mu myaka 10 iheze.

Mu cegeranyo gishasha ca “Mo Ibrahim Foundation”, Kivuga cane cane ingene intwaro rusangi, imibano, agateka ka zina muntu, ukwishira n’ukwizana, n’intwaro ibereye vyifashe muri Afrika.

Iyo raporo ivuga ko ibihugu vyinshi ubu bitizewe, ata mutekano uriyo ndetse ko n’intwaro ibereye itarashinga imizi ahandi n’aho ikaba yarasubiye inyuma nk’ibirenge.

Ico cegeranyo cagereranije ingene ibintu vyifashe ubu no n’ingene vyari bimeze mu myaka 10 iheze. Aha, raporo ya “Mo Ibrahim Foundation” ivuga ko ubu n’ivyahuha vyahuhutse, mu gihe agahengwe mu ntwaro ibereye kari kaboneka ahatari hake muri Afrika imbere y’umwaka w’2012.

Ico cegeranyo gitanga akarorero k’umutekano muke, intambara ndetse n’itembagazwa ry’ubutegetsi bisigaye vyaratse indaro mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Raporo ya “Mo Ibrahim Foundation” ivuga ko kuva mu mwaka w’2012 gushika ubu, habaye itembagazwa ry’ubutegetsi canke ukubigera amajanja incuro 23 zose.

Ibrahim, umutunzi karuhariwe w’umwongereza yamuka muri Sudani avuga ati : “Iyo ngendo y’itembagazwa ry’ubutegetsi yari ikaze cane mu myaka y’1980 none yagarutse kandi isigaye yatse indaro mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika”.

Uyo yiyemeje gukoresha ubutunzi bwiwe mu guteza imbere demokarasi hamwe n’intwaro ibereye muri Afrika, abona ko ata cerekana ko ibintu bigeye guhinduka.

Iyo raporo yemeza ko bitangaje nko kubona kuva mu mwaka w’2019 gusa mu myaka idashika 5, harabaye itembagazwa ry’ubutegetsi incuro 8. Ibihugu vya Mali na Burkina Faso bihana urubibe ni vyo bitwara idarapo, muri Afrika y’uburengero, mw’itembagazwa ry’ubutegetsi incuro nyinshi muri ico kiringo.

Ako karere k’ubugararwa bwa Sahel gasanzwe kariziziwe n’intagondwa za Etat Islamike zica zigakiza mu bice bitari bike, abanyagihigu bakamana intekera ku mutwe, abandi bakanyuruzwa cane cane abigeme bari mu mashure.

Abakoze ico cegeranyo berekana kandi ko mu myaka 10 iheze, ibice 70% vy’abanyafrika babangamiwe n’umutekano muke, ihonyangwa ry’amategeko hamwe n’itituka ry’agateka ka zina muntu. Ibihugu 30 vyarasubiye inyuma mu manota muri ico kiringo no muri ivyo bisata nkoramutima vy’ubuzima bw’abanyagihugu.

Kw’isonga ry’ibihugu vyabangamiwe aho intwaro ibereye isigaye ari umugani hari igihugu ca Sudani y’epfo hagakurikira Somaliya, Erythreya, Replika ya demokarasi ya Kongo, Sudani, Centrafrika, Cameroun, Uburundi, Libiya na Guinée équatoriale.

Ikiza c’umugera wa Korona caje kunyura ivyari bigeze aho umwansi ashaka mu bwicanyi buhitana abanyagihugu ataco bazira ndetse n’indyane za politike muri ivyo bihugu. Abatavuga rumwe na reta canke abafise ivyiyumviro bitandukanye n’ivy’ubutegetsi akaba ari bo babangamirwa cane.

Raporo ya “Mo Ibrahim Foundation” ivuga ko mu gihe c’ikiza c’umugera wa Korona ibihugu vyinshi vyaboneweho akaryo ko gukandamiza abanyagihugu bavyo, n’ubwo n’imbere ya Korona iyo ngendo yariho.

Yamara, ico cegeranyo kivuga ko hari ibisata vyaronse agahengwe gatoya nk’ubutunzi, indero n’ukungana kw’ibitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG