Uko wahagera

Ubwongereza Buvuga ko Abana 200 Basaba Ubuhungiro Baburiwe Irengero


Abimukira mu kigo c'agateganyo c'impunzi i Manston, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubwongereza, kw'itariki ya 11/03/2022
Abimukira mu kigo c'agateganyo c'impunzi i Manston, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubwongereza, kw'itariki ya 11/03/2022

Abana amajana abiri bariko barasaba ubuhungiro mu Bwongereza, barimwo abari munsi y’imyaka 16 baburiwe irengero aho bari bacumbikiwe ivy’imfatakibanza mw’ihoteri. Ibi biciye bivyura ibibazo bishasha ku kuntu abashikiranganji bajejwe ivy’impunzi bariko baravyifatamwo mu bihe haba haje impunzi nshasha.

Reta y’umushikiranganji wa mbere, Rishi Sunak, isugerejwe ku mpande zibiri ku kibazo c’abimukira. Bamwe bavuga ko yananiwe gukingira imbibe z’Ubwongereza zivogerwa n’abimukira bakoresheje amato matomato. Abandi bavuga ko reta itariko iritaho uko bibereye abashika mu buryo bwubahirije amategeko.

Umushikiranganji ajejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu, Robert Jenrick, yaciye atumwako n’abashingamateka kuri uyu wa kabiri kwisigura kuri ayo makuru y’abana baburiwe irengero.

Jenrick yavuze ko 88 kw’ijana y’abo bana baje bava mu gihugu ca Albaniya. Yavuze ko reta yakoze uko ishoboye mu kubakingira.

Igitigiri c’abimukira bashika mu Bwongereza baciye mu mazi cariyongereye mu myaka ibiri iheze. Ibitigiri bitangwa na reta vyerekana ko abamuka muri Albaniya ari bo bagize igitigiri kinini c’abaca muri uwo muhora.

(Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG