Uko wahagera

Umushikiranganji w'Uburusiya w'Imigenderanire mu Rugendo muri Afrika y'Epfo


Umushikiranganji wa Afrika y'Epfo w'imigenderanire Naledi Pandor na mugenzi we w'Uburusiya Sergei Lavrov i Pretoria, muri Afrika y'epfo, kw'itariki ya 23/01/2023

Afrika y’epfo yisiguye ku migenderanire myiza ifitaniye n’Uburusiya hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare ivyo bihugu bitegekanya gukorera hamwe mu kwezi kwa kabiri. Afrika y’Epfo kuri uyu wa mbere yakiriye umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Sergey Lavrov. Ni urugendo rwiwe rwa mbere muri ico gihugu kuva Uburusiya bwinjira mu co bwise ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare muri Ukraine.

Umushikiranganji Lavrov yavuze ko ashimishwa n’uko Afrika y’Epfo yerekanye ko ataho ihagaze kuva iyo ntambara itangura, haraheze umwaka. Yagiriza Ukraine hamwe n’ibihugu vyo mu burengero kuba aribo batuma intambara ibandanya.

Uburusiya ntibuhengeshanya kwanka ibisabwa na Ukraine n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko bukwiye kubanza gukurayo abasirikare babwo bose imbere yuko ibiganiro biba.

Umushikiranganji wa Afrika y’Epfo w’imigenderanire n’amakungu, Naledi Pandor, yavuze ko igihugu ciwe cipfuza kubona habonetse inyishu ya kidiporomasiya iciye mu biganiro. Ariko kandi yashimikiye ko Afrika y’epfo ifise uburenganzira bwo kugiriranira imigenderanire n’igihugu cose yipfuza hatabaye gutegekwa n’ibihugu vyo mu burengero.

Afrika y’Epfo izokwakira ibisirikare vy’Uburusiya n’Ubushinwa birwanira mu mazi mu kwezi kwa kabiri, mu myimenyerezo ya gisirikare izobera ku nkengera z’igisagara ca Durban.

Afrika y’epfo yaratumiye kandi prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, kugendera ico gihugu uyu mwaka, mu nama izohuza ibihugu bihurikiye muri BRICS, ariko ntibiramenyekana ko azoyitabira. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG