Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yategetse ko Inama Zose za Reta Zikorwa mu Kirundi


Prezida Neva ahagatiwe n'abagize urwego rw'inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD mw'ikoraniro kaminuza ry'uwo mugambwe kuwa 22 ukwa mbere 2023 i Gitega
Prezida Neva ahagatiwe n'abagize urwego rw'inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD mw'ikoraniro kaminuza ry'uwo mugambwe kuwa 22 ukwa mbere 2023 i Gitega

Umukuru w’igihugu c'Uburundi yategetse ko kuva ubu inama zose z'inzego za Reta zizokorwa mu rurimi rw'Ikirundi n'ivyegeranyo bikorwe muri urwo rurimi. Prezida Évariste Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa Mungu mw'ikoraniro rya CNDD-FDD umugambwe uri ku butegetsi ryabereye ku murwa mukuru wa poritike Gitega.

Iryo koraniro kaminuza ryari ryitabwe n'intumwa z'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi zavuye mu ntara 18 zigize Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi barimwo uwa Reta zunze ubumwe za Amerika, uw'Ubuholande, Ubushinwa, Turukiya n'abandi hatibagiwe amashirahamwe yigenga yo mu gihugu hagati hamwe n'imigambwe icuditse na CNDD-FDD.

Inyuma y'amasengesho yo kugurura iryo koraniro n'ijambo ry'intangamarara rya Prezida Évariste Ndayishimiye, abatumire n'abamenyeshamakuru baroye ku ruhande maze Abagumyabanga ba CNDD-FDD baja mu mwiherero wamaze nk'isaha irenga gato.

Basohotse, Nancy Ninette Mutoni, komiseri ajejwe kumenyesha amakuru yasomeye ikoraniro ivyagezweko. Muri vyo, umukuru w'igihugu yategetse ko mu nama zose za Reta hategerezwa gukoreshwa ururimi rw'Ikurundi na raporo zigatangwa muri rwo.

Muri iryo koraniro ryabaye ku wa Mungu, Joseph Ntakarutimana aheruka gutorwa kuba umukuru w'inama nshingamateka ya EAC yasubirijwe mu mabanga y'icegera c'umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi. Uwo mututsi aturuka mu ntara ya Ngozi mu buraruko yasimbuwe n'uwundi mututsi. Ni Cyriaque Nshimirimana, icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka.

Prezida Neva nk'uko amaze imisi bimuhangayikishije, yagarutse ku bafasha biwe yasanze batabikwiriye. Yavuze ku bakozi ba Reta n'indongozi barya ibiturire n'abanyonora amatungo y'igihugu abagereranya n'abicanyi.

Iri koraniro kaminuza ryari ryatanguriwe n'amasengesho y'imisi itatu. Musenyeri mukuru wa diyoseze ya Gitega yayuguruye ku musi wa kane yasavye umugambwe CNDD-FDD n'abategetsi bawuturukamwo kwimakaza ingendo yo kubahiriza agateka ka zina muntu no kwerekanira mu bikorwa ivyo badasiba gutangaza ko"Imana" bayihaye ikibanza ca mbere.

Inkuru ya Éloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Burundi: Inama za Reta Zigiye Kuza Zirakorwa mu Kirundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:14 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG