Uko wahagera

Amerika Igiye Gufasha Senegali mu Vy'Umuyagankuba


Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta muri Amerika, Janet Yellen muri Senegali
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta muri Amerika, Janet Yellen muri Senegali

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta muri Amerika, Janet Yellen, yatanguje umugambi ugamije kuzoronsa umuyagankuba abagera ku bihumbi 350 bo hagati mu gihugu muri senegali.

Ni umugambi yatanguje mu rugendo arimwo muri Afurika rugamije guteza imbere imigenderanire ya Afurika n’Amerika biciye mu gufashanya mu migambi irimwo ihindagurika ry’ibihe, guheba amadeni no kuronsa imfungurwa abanyagihugu.

Madame Yellen yagize ati: “ Ico twipfuza, ni ugukomeza cane ugufashanya hagati yacu mu vy’ubutunzi, tukanafasha kugira benshi ku mugabane wa Afurika baronke umuyagankuba uboneka ibidukikije vyubahirijwe.”

Senegali iri mu bihugu vyikwije mu vy’umuyagankuba. Naho biri uko yamara, imihana myinshi yo hagati mu gihugu nta muyagankuba ukwiye ironka.

Janet Yellen yashimagije uyu mugambi avuga ko uzoteza imbere ubuzima bw’umunyagihugu mutomuto, wongere ukomeze ubutunzi bwa Senegali muri rusangi.

Yagize ati: “ Ikindi, uwu mugambi uzotuma Senegali ishika ku mugambi yihaye wo kugera mu 2025 ata bukene bw’umuyagankuba mu gihugu cose.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG