Uko wahagera

Polisi y'Ubwongereza Yahanye Umushikiranganji wa mbere Imuziza Kutambara Umusipi


Rishi Sunak, aho yafata videwo atambaye umukandqara w'umutekano
Rishi Sunak, aho yafata videwo atambaye umukandqara w'umutekano

Igipolisi co mu Bwongereza catangaje ko kizohana umushikiranganji wa mbere wo mu Bwongereza, Rishi Sunak, kimuziza kutambara umusipi wo kwikingira impanuka ari mu muduga.

Rishi Sunak, ni we ubwiwe yifashe amasanamu yicaye mu kibanza c’inyuma mu muduga, ata musipi yambaye, aheza ayashira ku rubuga rwiwe rwa Instagram, mu nyuma arayafuta, ariko yayafuse abatari bake bamaze kumwibasira bamubwira ko yakosheje mu kutambara umusipi.

Umuvugizi wa Sunak yavuze ko yasavye ikigongwe kw’ikosa yise rito yakoze kandi yemanga. Yagiriyeko atanga ubutumwa busaba abanyagihugu kwambara imisipi y’umutekano igihe cose bari mu muduga.

Mu Bwongereza, ukutambara umusipi w’umutekano waba wicaye inyuma mu muduga canke imbere birahanwa n’amategeko. Uwufashwe atambaye uwo musipi, atanga amande ashobora kugera ku madorali 620. Yaba polisi, yaba ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, nta n’umwe yigeze atomora amande azorihishwa.

Si ubwa mbere Umushikiranganji Sunak aciwe amande ku makosa bamwe bashobora gufata nka mato: Mu 2020, be na Borris Johnson yahoze mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza baciwe amande bagirizwa kuba barenze ku mategeko yo gukinga ikiza ca Covid-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG