Uko wahagera

Umushikiranganji wa Amerika w'Ubutunzi Aragendera Senegal, Zambiya na Afrika y'Epfo


Prezida Joe Biden yumviriza umushikiranganji wiwe w'ubutunzi, Janet Yellen, mu nama ya Afrika na Amerika i Washington, kw'itariki ya 15/12/2023

Umushikiranganji w’ubutunzi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Janet Yellen, arafata urugendo muri iyi ndwi ku mugabane wa Afrika, muri Senegal, Zambiya na Afrika y’Epfo. Ni urugendo rutumbereye kuganira ku kwagura imigenderanire muvy’uguhanahana ibidandanzwa, gushinga imitahe hamwe no gushigikira ubutunzi bw’ibihugu vya Afrika.

Uru rugendo ruje inyuma y’aho Prezida Joe Biden, mu kwezi guheze yakiriye abakuru b’ibihugu vya Afrika. Yabemereye ko we n’abashikiranganji biwe bagiye kugendera Afrika muri uyu mwaka wa 2023.

Abategetsi bakuru mu bushikiranganji bw’ubutunzi bwa Amerika bavuga ko intumbero y’uru rugendo ari uguhanahana ivyiyumviro n’abategetsi ba Afrika, abikorera utwabo, abagwizatunga hamwe n’urwaruka.

Urugendo rwa Yellen muri Afrika ruhuriranye n’urwo umuyobozi mukuru w’ikigega mpazamakungu FMI, Kristalina Georgieva, azogira muri Zambiya mu ndwi iza. Rukurikiye kandi urw’umushikiranganji w’ubushinwa w’imigenderanire, Qin Gang aherukamwo muri Etiyopiya, Angola, Benin, Gabon na Misiri.

Imbere yo gushika muri Senegal, Yellen arabonana na mugenzi we w’Ubushinwa, Liu He, mu Buswise kuri uyu wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG