Uko wahagera

Burundi: Abanyagihugu Bahangayikishijwe n'Amapfa "Ashobora Kubatera"


Umwe mu bapfasoni bo hagati mu gihugu acaniriye inkono yiwe
Umwe mu bapfasoni bo hagati mu gihugu acaniriye inkono yiwe

Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara zitandukanye zo mu Burundi bavuga ko amapfa ashobora gutera muri ico gihugu, hamwe reta itohagurikira ikibazo c’iduga ry’ibiciro ku bifungurwa. Ni mu gihe reta yoyo ivuga ko umwimbu wiraye mu gihugu.

Bamwe mu banyagihugu bo muri komine ya Musigati y'intara ya Bubanza bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bavuga ko babangamiwe n’ubukene bw’ibifungurwa. Abandi bo mu ntara ya Cibitoke, babwiye Ijwi ry'Amerika ko muri kino gihe imiryango ifungura rimwe ku munsi, kubera iduga ry'ibiciro vy’ibifungurwa ku ma soko.

Intandaro y’ubu bukene bw’ibifungurwa mu ntara zitari nke zo mu gihugu, ni ihindagurika ry’ibihe ryagiye riribonekeza mu myaka iheze hamwe n’itituka ry’uburyohe bw’isi ndimwa nkuko aba barimyi babivuga.

Buramatari w’intara ya Cibitoke wewe abona ko atari ubukene bw’umwimbu. Careme Bizoza ahamagarira abanyagihugu kumenya uko batunganya umwimbu.

N’ubwo uyu mutegetsi avuga uku, abanyagihugu basaba nyabuna reta kwitwararika ibijanye n’ifumbire kugira abarimyi bashobore gutabira imirima. Vyongeye, basaba ko amakori yogabanuka ku bifungurwa na cane cane muri kino gihe hari ubukene bwavyo.

Intara ya Cibitoke na Bubanza ziri mu zigeze kubangamirwa n’inzara mu myaka ya 2016 na 2017 kubera uruzuba rwatse cane mu makomine ya Rugombo na Gihanga hamwe n’igice ca Bubanza.

Abanyagihugu bamwe barahungiye mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo, abandi nabo baritaba Imana.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika rikesha abanywanyi baryo mw'Ijwi rya Desire Hatungimana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG