Uko wahagera

Impanuka y'Imodoka Yahitanye Abababa 20 muri Senegali


Abantu 19 barapfuye, abandi batari bake barakomereka mu mpanuka ya bisi mu gihugu ca Senegal. Bisi yagerageje kwirinda guseka indogobwa ica isekana n’ikamyo, abantu batari musi ya 19 barahasiga ubuzima, mu gihe abandi batari bake barakomeretse.

Abategetsi batangaje ko iyo mpanuka yabereye hafi y’ahitwa Ngeun Sarr mu buraruko bw’igihugu. Ku rubuga rwe rwa Twitter, Prezida wa Senegal, Macky Sall yamenyesheje ko ari iyindi mpanuka yihaye inkumbi ku mabarabara y’igihugu ciwe. Yifatanije mu mubabaro n’imiryango y’ababuze ababo. Akaba yifurije abakomeretse gukira ningoga.

Mu ndwi iheze abantu 40 barapfuye mu mpanuka ya bisi yabareye mu mihana y’ahitwa Gnivy, mu ntara ya Kaffrine. Inyuma y’iryo sanganya reta yaratangaje ingingo nshasha zigenewe kubanya impanuka zo mu mabarabara y’igihugu. Amasanganya yo mu mabarabara ni ibintu biba kenshi muri Senegal kubera amabarabara mabi, imodoka zitameze neza n’abadereva batubahiriza amategeko.

Mu mwaka w’i 2017, abantu 25 barapfuye igihe amabisi 2 yasekana. Benshi mu bapfuye bari bagiye mu gisagara ca Touba kiri hagati mu gihugu mu bisabishdo vy’umwaka vy’abayislamu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG