Uko wahagera

Kameruni Yarekuye Abakozi ba MSF Yari Imaze Umwaka Ipfunze


Umwe mu bakozi ba MSF bafasha uwakomerekejwe n'amasasu
Umwe mu bakozi ba MSF bafasha uwakomerekejwe n'amasasu

Kameruni yarekuye abakozi batanu b’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, yari yapfunze ibagiriza gushigikira abaharanira ukwiyonkora.

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, ryakiriye neza irekurwa ry’abakozi bayo batanu bari bamaze umwaka bari mu mvuto. Bagirizwa gushigikira abo mu gice ca Kameruni gikoresha icongereza, batikoze ikoreshwa ry’ururimi rw’igifaransa. (Reta ya Kameruni ifata abakoresha ururimi rw'icongereza bashaka kwiyonkora ku muce w'abakoresha igifaransa nk'abarwanyi).

MSF naho ishima irekurwa ry’abakozi bayo, yatangaje ko hataragera ko isubira gukorera mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kameruni. Iryo shirahamwe ry’abafaransa ryahagaritse ibikorwa muri ico gice inyuma y’ifungwa ry’abakozi bayo. Ico gihe, ryasiguye ko rikinjuye ku mvo z’umutekano ryemeza ko utari ukwiye, n’ubwoba abakozi baryo baterwa.

MSF yizeza ariko ko iriko ikora ibishoboka vyose kugira yumvikane na reta ya kameruni ingene yo koroherezwa mu gusubira gukora ibikorwa vy’ubutabazi ku banyagihugu. Ku rundi ruhande, reta ya Kameruni yongeye kugabisha amashirahamwe yigenga yagiriza gukorana n’abo yita abarwanyi.

Igisirikare ca Kameruni kigihagarika abakozi ba MSF mu kwa cumi na kabiri ko mu 2021, cabajijije gutwara mu muduga wabo umurwayi yari yakomerekejwe n’amasasu, kivuga ko yari umurwanyi wo mu ruhande rw’abakoresha icongereza, bipfuza kwiyonkora kuri Kameruni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG