Uko wahagera

Polisi ya Brezile Yasambishije Abateye Inzego za Reta


Bamwe mu bakoze imyiyerekano ku wa Mungu

Igipolisi ca Brezil casambishije uno musi ku wa kabiri abantu igihumbi bari mu myiyerekano yabaye ku musi w'Imana Urangiye bapfungiwe mu kibanza kiri ku murwa mukuru, Brasilia. Ni inyuma y'uko abari mu myiyerekano binjiye bakamenagura ibintu mu nyubakwa z'inama nshingamateka, sentare ntahinyuzwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ku musi w'Imana urangiye.

Uretse abo bantu 1,000 bariko barasambishwa n’igipolisi, abandi 200 bahagaritswe barindiye kwagirizwa icese ivyaha ku ruhara bagize mu gusahura no kumenagura ibintu mu gitero bakoze ku nzego za demokrasi ku musi w’Imana urangiye.

Reta ya Brezil iriko ikora ibishoboka kugira ihagarike uruhagara rwo ku musi w’Imana urangiye. Benshi mu bashigikiye uwahoze ari Prezida, Jair Bolsonaro batawe mu nvuto ku musi wa mbere mu gihe inteko za reta zasambuye ibibanza bari mu myiyerekano bari bashizeho ku musi w’Imana imbere y’uko batera inyubakwa za Kongre, sentare ntahinyuzwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ku murwa mukuru, Brasilia.

Abari mu myiyerekano bari bashize ikambi hanze y’icicaro gikuru c’igisirikare basaba igisirikare gukora kudeta igenewe gukuraho ivyavuye mu matora yabaye mu kwezi kw’icumci kw’umwaka urangiye muri Brezil yatsinzwe na Prezida Luiz Inacio Lula da silva. Jair Bolsonaro yatsinzwe muri ayo matora yavuze ko yibwe. Yamara nta vyemezo yerekanye.

Umucamanza wa sentare ntahinyuzwa mu gihugu, Alexandre de Moreas, ariko agirisha amatohoza ku bakoze imyiyerekano iteye kubiri na demokrasi, yiyemeje mw’ijambo yashikirije uno musi ku wa kabiri, ko azorwanya bikomeye abagira iterabwoba ku murwa mukuru wa Brezil. Yatangaje ko demokrasi izotsinda kandi ko inzego z’igihugu zitazohungabana. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG