Uko wahagera

Ibitigiri vy'Abatagira Akazi muri USA Vyagabanutse


Icapa c'iduka yerekana ko iriko iratanga akazi
Icapa c'iduka yerekana ko iriko iratanga akazi

Urugero rw'ubushomeri rwaragabanutse muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu kwezi kw'icumi na kabiri mu mwaka urangiye, mub gihe ubuzi bwiyongeye muri ico gihe.

Ubuzi bwariyongeye mu buryo butari bwitezwe, nk’uko vyerekanywe n’icegereanyo ca reta uno musi ku wa gatanu. Vyerekana ko isoko ry’akazi ryavyifashemwo neza. Isoko ry’akazi ryari ryabaye igisata cari cateye amakenga mu gihe ibanki nkuru y’igihugu yariko ikora kugira itume ifranga ry’igihugu ritabandanya guta agaciro.

Mu gihe ibanki nkuru y’Amerika yadugije inyungu ku ngurane incuro zitari nke, ibitigiri vy’abarondera akazi vyagumye bihagaze neza cane. Abategetsi bafise impungenge ko imishahara iri hejuru cane ishobora gutuma urugero rw’ugutituka kw’idolari ruguma ruri hejuru.

Mu kwezi guheze, abatanga akazi bongereje abakozi 223,000, mu kwezi kw’icumi na rimwe bari 256,000. Yamara ivyo biharuro vyo mu kwezi kw’icumi na kabiri biracari hejuru y’ivyo abahinga bari biteze nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe akazi. Urugero rw’ubushomeri rwaragabanutse ruja kuri 3.5 kw’ijana. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG