Uko wahagera

Ubutungane bwa Botswana Buteganya Guhagarika Ian Khama


Ian Khama yahoze ari umukuru wa Botswana
Ian Khama yahoze ari umukuru wa Botswana

Reta ya Botswana yasohoye umutahe wo guhagarika Ian Khama yahoze ari umukuru w’ico gihugu. Imwagiriza kuba atunze ibigwanisho bicira umuriro mu buryo butemewe n’amategeko.

Uwahoze ari Prezida Khama muri iki gihe aba mu gihugu kibanyi c'Afrika y’Epfo arahaka ivyo birego yagirizwa, nk’uko bitangazwa n’umushikirizwamanza amuburanira.

Ivyo vyaha yagirizwa, vyashikirijwe mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze. Sentare yo mu gihugu ca Botswana yasohoye umutahe wo kumuhagarika kw’igenekerezo rya 29 ry’ukwezi kwa 12 kurangiye. Yamara gushika ubu, ntararenguka imbere ya sentare.

Haraheze igihe kingana n’umwaka Khama agiye kuba muri Afrika y’Epfo. Ni inyuma y’aho hatanguriye icuka kibi hagati yiwe na Prezida Mokgweetsi Masisi, yari yitoreye ubwiwe ngo abe ari we amusubirira.

Khama avuga ko ata caha na kimwe yakoze, ko umugambi wo kumwagiriza ivyaha no kumuhagarika, biri mu ntumbero ya Prezida Masisi yo kumudodereza muri iki gihe amatora ategekanijwe mu 2024, yegereje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG