Uko wahagera

Papa Benedigito wa XVI Yitavye Imana ku Myaka 95


Benedigito wa XVI

Uwahoze ari Papa, Benedigito wa XVI, yitavye Imana ku myaka 95. Umuvugizi wa Vatikano, Matteo Bruni, mw’itangazo yasohoye yavuze ko Papa Benedigito wa XVI yashengeye isaha zitatu n’iminota 34 z’igitondo ku masaha y’I Vatikano.

Itangazo rya Vatikano ntirivuga aho nyakwigendera yashengeye ari. Gusa, kuva yegura yaba mu kigo ca Vatikano cegeranye cane no kwa Papa ahari. Ni naho yari amaze iminsi agwariye: Vatikano yavuze ko yari afite ingwara z’ubusaza.

Imisa yo kumushingura izosomerwa muri Katedrali yitiriwe Umweranda Petero ku munsi wa kane w'indwi iza. Ni imisa izosomwa na Papa Fransisiko. Ikiziga ciwe kizojanwa muri iyo Katedrali ku wa mbere.

Papa Benedigito wa XVI yavukiye mu Budagi igenekerezo rya 16 ukwezi kwa kane ko mu 1927. Amazina yahawe n’abavyeyi ni Joseph Aloisius Ratzinger. Yagiye ku ntebe ya Papa mu kwa kane ko mu 2005 yegura mu 2013, asigura ko yeguye kubera amagara yiwe atari akimukundira kuba muri iyo mirimo. Atanga imihoho, hari haheze imyaka yababa 600 ata mupapa yegura: Uwanyuma yari aherutse kwegura yari Papa Gregoire XII yeguye mu 1415.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG