Uko wahagera

Abasirikare ba Isirayeri Bishe Umunyapalestine mu Ntara ya Sisjordaniya


Umwe mu basirikare ba Isirayeri
Umwe mu basirikare ba Isirayeri

Abasirikare ba Israyeri bishe Umunyapalestine mu ntara ya Sisjordaniya. Bavuze ko bariko barivuna ibitero vy abantu bitwaje ibigwanisho

Israeli catangaje kw’abo basirikare barashe uyo Munyapalestine uyu musi ku wa kane igihe bariko baratana mu mitwe n’umurwi w’abarwanyi.

Uyo Munyapalestine yiciwe mu gisagara ca Neblus, aho abasirikare ba Israeli bari baherekeje abasivile ku musigiti urimwo amatati.

Igisirikare ca Israeli cavuze ko abarwanyi b’Abanyapalestien aribo batanguye kurasha ibikoho bikomakomeye ku basirikare ba Israeli, baca barabivuga.

Abajejwe amagara y’abantu muri Palestine bavuga kw’Umunyapalestine umwe azwi kw’izina rya Ahmed Daraghmeh, asanzwe ari umukinyi w’umupira w’amaguru, yahasize ubuzima.

Ikigo kijejwe gutangaza amakuru AFP catangaje ko umuhari Hamas ugwanya Israeli, watangaje ko uyo Munyapalestin, yari umunwanyi wawo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG