Uko wahagera

Amatelefone Yari Amaze Igihe Yaraciwe muri Tigreya Yasubiye Gukora


Bamwe mu banyagihugu ba Tigreya bariko baraba amaterefone yabo. Aha, ni aho bahungiye.
Bamwe mu banyagihugu ba Tigreya bariko baraba amaterefone yabo. Aha, ni aho bahungiye.

Amatelefone yari amaze igihe kirekire yaraciwe mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya yasubiye gukora. Mu kiringo c’umwaka n’igice, guhamagara abantu hakoreshejwe telefone muri Tigreya, imwe mu ntara zasinzikajwe bikomeye n’ingwano kurusha ibindi bice vyo kw’isi ntivyashoboka.

Muri iki gihe imirongo ya telefone iriko irasubira gusubizwaho mu bice vyo mu ntara ya Tigreya, inyuma y’amasezerano y’amahoro yapfunditswe hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abayirwanya bo mu muhari TPLF, bamwe mu Banyatigreya bariruhutsa mu gihe abandi bagandarira ababo bahitanywe n’ingwano.

Umwe mu Banyatigreya aba mu gihugu ca Norveje, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, kubera afise ubwoba ko Reta ya Etiyopiya ishobora kwihora ku ncuti ziwe, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ko umuntu aba ashaka kuvugisha umuryango wiwe, ko yamara ataba azi amakuru ashobora kwumva, ku bakiri bazima.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU na Reta zunze ubumwe za Amerika, vyisunze ubushakashatsi bwakozwe n’incabwenge, vyatangaje ko intambara hagati ya Reta
ya Etiyopiya ifatanije n’inteko zicuditse na yok u ruhande rumwe hamwe n’abagwanyi b’umuhari TPLF wo mu ntara ya Tigreya, ku rundi, yahitanye abantu ibihumbi amajana n’amajana kuva mu mpera z’umwaka w’i 2020.

Umunyamabanga muukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yatangaje ko abantu bahitanywe n’intambara mu ngwano hagati ya Reta ya Etiyopiya n’umuhari TPLF barenga abahitanywe n’ingwano yo muri Ukraine. Ni muri iki gihe benshi mu Banyatigreya batanguye kumenya ivyashikiye ababo mu gihe imirongo ya telefone yasubiye gukora mu bice bimwe bimwe vyasubiye mu minwe ya Reta ya Etiyopiya.

Telefone, interneti n’imirimo y’amabanki vyari vyahagaritswe mu ntara ya Tigreya ibamwo abantu barenga imiliyoni 5 igihe ingwano yatangura. Ni co kiringo kirekire kihabo uburyo bwo guhanahana amakuru bwari bwaciwe. Reta ya Etiyopiya yari yatangaje ko vyari bikenewe ku mpamvu z’umutekano.( AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG