Uko wahagera

Igitero Al-Shabab Yagavye muri Kenya Cahitanye 3


Isanamu y'ikibanza Al-shabab yigeze kugabamwo igitero muri kahise
Isanamu y'ikibanza Al-shabab yigeze kugabamwo igitero muri kahise

Abantu 3, barimwo abapolisi 2 bishwe mu gitondo c'uno musi ku wa gatatu mu gitero cakozwe n’ intagondwa z'umurwi al-Shabab mu buraruko bwa Kenya. Iyo nkuru yatangajwe n'igipolisi c'ico gihugu.

Umukuru w’igipolisi mu buraruko bushira ubuserurko bwa Kenya, George Seda yatangaje ko abishwe bari mu modoka y’igipolisi igihe baterwa n’abrwanyi b’umurwi al-Shabab hagati y’ikambi y’ahitwa Hayley Lapsset n’igisagara ca Garissa. Ico gitero catanguye igihe imodoka y’igipolisi yaseka bombe yari yetezwe mw’ibarabara, nk’uko bitangazwa n’igipolisi n’ababonye ivyabaye.

Abakoze ico gitero barashe rokete yahitanye abapolisi babiri n’umusivile. Abandi batari bake bashoboye guhungura mw’ishamba; irengero ryabo rikaba ritazwi gushika ubu. Abakoze ico gitero baturiye iyo modoka. Igice cabereyemwo ico gitero kiri hafi y’ururbibe Kenya ihana na Somaliya.

Igipolisi kiriko kirakwirikirana abakoze igitero c’uno musi ku wa gatatu. Abandi bapolisi barungitswe mu gice ico gitero cabereyemwo kugira barondere abantu bari mu modoka yatewe, bataratorwa gushika ubu.

Mw’ijoro ryo ku musi wa gatandtu w’indwi irangiye, igipolisi caratesheje igitero c’intagondwa, za al-Qaida zariko zishaka gufata ibiro vy’igipolisi ahitwa Kutulo, mu gice ca Mandera, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG