Uko wahagera

Uburundi Buyoboye Inama Nshingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko


Joseph Ntakarutimana
Joseph Ntakarutimana

Joseph Ntakarutimana, Umurundi, ni we yatowe ngo arongore inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ifise icicaro I Arusha muri Tanzaniya. Asanzwe ari icegera c’uwutwara umugambwe CNDD-FDD uri ku butugetsi mu Burundi.

Na sentare nkuru y’uwo muryango itwarwa n’umurundi.

Umushingamateka w’Uburundi, Joseph Ntakarutimana, yatowe na begenzi we basangiye inama nshingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ku majwi angana 85,7 kw'ijana. Ni amatora yabaye kuri uyu wa kabiri I Arusha muri Tanzaniya ku cicaro ca EAC.

Ibihungu 7 bigize uwo muryango, kimwe kimwe cose carungitse abashingamateka 9 bagiserukira muri iyo nama nshingamateka. Bose hamwe uko ari 63 batoye, maze Ntakarutimana atorwa n’abashingamateka 54.

Agiye gusubirira umunyarwanda Martin Ngoga, mu kiringo c’imyaka itanu iri imbere.

Uyo Munyarwanda, co kimwe na bagenzi we barangije ikiringo bagiye gusubira mu bihugu vyabo.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yabaye uwa mbere yamukeje muri ayo mabanga mashasha yatanguye kuri uyu wa kabiri.

Prezida Ndayishimiye yagize ati: “Ndakeje nivuye inyuma nyenicubahiro Joseph Ntakarutimana, kubera amatora yatsinze ku ntebe y’uwurongoye inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Ndakwizeza ko nzogushigikira ntiziganya kugira urugamba rwo kwiteza imbere mu karere turushikeko”.

Ntakarutimana, ni umututsi avuka mu ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’Uburundi. Abamuzi bavuga ko ari muri politike kuva mu mwaka w’1993 ku ntwaro y’umugambwe Sahwanya Frodebu. Yinjiye mu mugambwe CNDD-FDD, aho yagiye arashingwa amabanga ahambaye, ndetse akaba ari mu nama y’abahumure n’inararibonye muri uyo mugambwe.

Uyo asanzwe ari icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD aje yisanga mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko kuko igihugu ciwe, Uburundi, bufise ibibanza bitatu bikomeye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ni we asanzwe arongoye inama nkuru y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango w’ibihugu 7 ari vyo Uburundi, u Rwanda, Ubuganda, Tanzaniya, Kenya, Sudani y’Epfo na Republika ya demokarasi ya kongo, giheruka kwinjira vuba.

Ikindi kibanza gikomeye kirimwo Umurundi ni muri sentare nkuru igize uwo muryango aho uwuyirongoye ari Umurundi, Nestor Kayobera.

Bamwe mu bashingamateka baserukira Uburundi barimwo Olivier Nkurunziza, atwara umugambwe UPRONA, barashima ko igihugu c’abo ari co kigiye kurongora iyo nama nshingamateka mu kiringo c’imyaka 5 iri imbere.

Ni ikibanza yariko arahiganirwa ari wenyene inyuma y’aho igihugu ca Sudani gikuriyemwo akarenge, kikavanamwo uwugiserukira, maze abashingamateka baturuka muri ico gihugu bagahebera uwo Murundi.

Imbere y’uko atorwa, Joseph Ntakarutimana, yari yarahiye kuri uyu wa mbere nk’umushingamateka wa EAC co kimwe na bagenzi we 63 baturuka mu bihugu 7 bigize uwo muryango.

Mu bo baturuka mu gihugu kimwe, harimwo umukenyezi, Cathy Kezimana, yari yanswe n’umugambwe wiwe CNL.

Igihe yatorwa co kimwe na bagenzi we mu nama nshingamateka y’Uburundi, uwutwara uwo mugambwe CNL, Agathon Rwasa, yaranse kumushigikira, asigura ko izina ryiwe atari we yaritanze. Yatangaje ko we n’abo basangiye umugambwe bazorabira hamwe ibihano uwo mugambwe woha Cathy Kezimana, umututsikazi wo muri komine Mugongo-Manga mu ntara ya Bujumbura Rural.

Igiye yarahira I Arusha kuri uyu wa mbere, yabwiye bagenzi we ko ibihano vyanugwanugwa kwari ukumukura mu mugambwe kugira atakaze ico kibanza. Yamara, ntibigikunze nk’uko amategeko agenga inama nshingamateka ya EAC abitegekanya, ko bataba bakigengwa n’amategeko y’imigambwe canke amashirahamwe bakomokamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG