Uko wahagera

Prezida Putine Yoba Arondera Biyerorusiya Kumufasha muri Ukraine


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na prezida wa Biyerorusiya Alexander Lukashenko i Minsk muri Biyerorusiya
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin na prezida wa Biyerorusiya Alexander Lukashenko i Minsk muri Biyerorusiya

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putine kuri uyu wa mbere yakoze urugendo rutari rwitezwe i Minsk, mu gihugu gicuti kandi kibanyi ca Biyerorusiya. Muri Ukraine baciye batekerwa n’ubwoba ko Uburusiya buri mu mugambi wo gukorana n’ico gihugu mu kubandanya ibitero.

Umukomanda mu gisirikare ca Ukraine, Serhiy Nayev, yavuze ko ata gukekeranya umubonano wa Prezida Putine na mugenzi we wa Biyerorusiya ata kindi wari utumbereye atari ukubandanya ibitero hamwe no kuvyinjizamwo abasirikare b’ico gihugu.

Prezida wa Biyerorusiya, Alexander Lukashenko yamye avuga ko ata mugambi afise wo kurungika abasirikare muri Ukraine. Ariko yaratanze ibirwanisho mu ntango z’iyo ntambara, mu kwezi kwa kabiri.

Perezidansi y’Uburusiya yarahakanye kuba Prezida Putine arondera gushira Biyerorusiya muri iyo ntambara.

Urwo rugendo rwabaye haheze amasaha indege za drone z’Uburusiya zongeye gutera umurwa mukuru Kiev. Abantu batatu bakomeretse, amagorofa icenda arabomorwa mu karere k’umurwa mukuru wa Ukraine.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa mbere ko impera n’imperuka hazoba ibiganiro vyo guhagarika intambara, ariko kandi ko ari ukubiha umwanya.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG