Uko wahagera

Uburusiya Bugiye Kurungika Abaririmvyi ku Rugamba muri Ukraine


Bamwe mu baririmvyo bo miu Burusiya. Ino foto, ni ngereranyo. Ntisiguye ko abo mubona kw'ifoto bari mu bazorungikwa ku rugamba.
Bamwe mu baririmvyo bo miu Burusiya. Ino foto, ni ngereranyo. Ntisiguye ko abo mubona kw'ifoto bari mu bazorungikwa ku rugamba.

Uburusiya bugiye kurungika umurwi w’abaririmvyi uja gutera intege abasirikare babwo bari ku rugamba muri Ukraine. Uwo murwi w’abacuraranzi bo ku rugamba uzoba kandi urimwo abanyabugenegene n’abanyavyese.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Bwongereza bwagarutse kw’ishirwaho ry’uwo murwi buvuga ko ata kinini uzofasha abasirikare b’Uburusiya. Bwasiguye ko ikibahanze ari “ibitigiri vyinshi vy’abasirikare bariko barwa ku rugamba, uburongozi bubi, ibikoresho bike, intumbero irashe y’intambara barimwo n’ibindi.” Ku bw’ubwo bushikiranganji, uwo murwi nta kibazo na kimwe muri ibi uzokemura.


Hagati aho, prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yemeje ko abanyagihugu bagera ku miriyoni 6 basubiye kuronka umuyagankuba bari babuze bivuye ku bitero Uburusiya bwagavye mu bisagara bitandukanye vya Ukraine. Hari yamara uburere bukiri mu kizime.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG