Uko wahagera

Bamwe mu Bakinyi ba Ekipe y'Ubufaransa Barwaye Ibicurane


Ejo ku wa Mungu, Ekipe ya Argentine n’Ubufaransa zizohura mu mukino wa nyuma wo guhiganira igikombe c’umupira w’amaguru.

Ubufaransa busa nk’ubudatekanye bivuye ku bakinyi babwo barwaye inkorora n’ibicurane. Abakinyi bamaze kumenyekana ko banduye, barimwo: Ibrahima Konaté, Kingsley Coman na Raphaël Varane.

Ivy’uburwayi bw’aba bakinyi bikimenyekana mu ntango z’ino ndwi, Didier Deschamps amenyereza ikipe y’Ubufaransa yataye umwikomo ku vyuma vyo gukanyisha ibibanza bitandukanye muri Katari, ahariko habera amahiganwa y’igikombe c’umupira w’amaguru.

Hagati aho, ikipe za Croatie na Maroki ziriko zirakina zihiganira ikibanza ca gatatu mu mahiganwa y’igikombe c’umupira w’amaguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG