Uko wahagera

Abahitanywe n'Imvura i Kinshasa muri Kongo Bageze ku 169


Bamwe mu bagerageje guhungisha utwabo baciye mu mazi.
Bamwe mu bagerageje guhungisha utwabo baciye mu mazi.

Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, OCHA, vyemeza ko abahitanywe n’imvura nyinshi yaguye I Kinshasa muri Kongo ku munsi wa kabiri bageze ku 169.

OCHA yemeje ivyo biharuro ishingiye ku makuru yatangajwe na Reta ya Kongo ejo ku wa gatanu. Abakomeretse bamaze kumenyekana ni 30, inzu zabomotse zikaba 280.

Zimwe mu nzu zabomowe n'imvura nyinshi yaguye i Kinshasa muri Kongo ku wa kabiri
Zimwe mu nzu zabomowe n'imvura nyinshi yaguye i Kinshasa muri Kongo ku wa kabiri

Amakomine yasinzikaye nkuko bigaragara mu itangazo rya OCHA ni Mont-Ngafula na Ngaliema ziri mu buseruko bwa Kongo.

Ikigandaro co kunamira no kwibuka abahitaywe n’iyo myuzure cari cashinzwe ku rwego rw’igihugu caheze ejo ku wa gatanu. Ni ikigandaro camaze imisi itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG