Uko wahagera

Indege ya Musk Yoba Ari yo Yatumye Ahagarika Twitter z'Abamenyeshamakuru?


 Elon Musk, nyene urubuga rwa Twitter, n'igicapo kiranga urwo rubuga.
Elon Musk, nyene urubuga rwa Twitter, n'igicapo kiranga urwo rubuga.

Elon Musk, nyene urubuga rwa Twitter yatangaje ko abamenyeshamakuru bose batswe imbuga zabo za Twitter ku wa kane bazozisubizwa. Musk akimara gucisha ubwo butumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter, zimwe mu mbuga zari zahagaritswe zirimwo iz’umumenyeshamakuru w’igicocoro kw’Ijwi ry’Amerika, Steve Herman, zaciye zisubira gukora. Hari ho yamara iz’ikicugawe.

Umutunzi Elon Musk yemanze ko ari we yategetse ko izo mbuga zugarwa, asigura ko yabikoze kubera abo “bamenyeshamakuru bari batanze amakuru y’aho indege yiwe bwite iherereye”, bityo umwe mu “batamwifuriza ineza, akora iterabwoba ku mwana wiwe.”

Mu bamenyeshamakuru bose bugariwe imbuga, nta n’umwe yigeze avuga ahaherereye indege bwite ya Musk. Gusa, bakoze amakuru agaruka ku kungene Twitter yugaye urubuga rwa Twitter rw’iyo ndege. Kuba naho bashobora kuba bazi aho iherereye, amakuru y’ahageze indege yaba bwite canke iya sosiyete kanaka, abahinga bibukije ko atari ikinyegezwa: Umuntu uwo ari we wese avyipfuza ashobora gusanga ayo makuru ku buhinga bwa none.

Abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru, amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu bisata bitandukanye arimwo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yari yateye ivyatsi ihagarikwa z’imbuga za Twitter Musk yahagaritse ku wa kane.

ONU yavuze ko ihangayikishijwe n’ico yise igenzurwa ry’ibikorwa vy’abamenyeshamakuru kw’isi yose, Ubumwe bwa Buraya nabwo bwumvikanisha ko Twitter ihonyanze ubwisanzure bwo kumenyesha amakuru bugira buti: “ Musk ategerezwa kumenya ko hari imirongo itukura ntarengwa. Ashobora no gufatirwa ibihano.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG