Uko wahagera

Intara z'Uburundi Zigiye Kuva kuri 18 Zije kuri 5


Intara 4 muri 5 zigiye kugira Uburundi
Intara 4 muri 5 zigiye kugira Uburundi

Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kuri uno wa kane, ijana kw’ijana, integuro y’itegeko rigenga isubirwamwo ry’imbibe z’intara, amakomine, amazone n’imitumba. Reta y’Uburundi isigura ko ari mu ntumbero yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.

Nk’uko biri muri iyo nteguro y’itegeko yaraye yemejwe, intara z’Uburundi zigiye kuba 5 mu gihe zahora ari 18. Nazo ni Bujumbura, Gitega, Butanyerera, Buhumuza na Burunga. Izo ntara zitanu zizoba zigizwe n’amakomine 42 mu gihe yahora ari 119, amazone 450 n’imitumba 3,041.

Umwigisha wa kaminuza Siméon Barumwete yanonosoye ivyirwa vya politike yabwiye ikinyamakuru, Iwacu, ko kugabanya intara n’amakomine atari vyo bituma intwaro ibereye itsimbatara kandi atari vyo bizotuma ubutunzi bwiyongera nk’uko reta y’Uburundi ivyibaza.

Ku bwa Barumwete, gufatanya amakomine abiri canke atatu ntibisigura ko ubutunzi bwiyongera. Uwo mwigisha wa kaminuza abona ahubwo ko abanyagihugu bazogira ibibazo vyo gushikira abarongoye amakomine mu gihe bazoba bakeneye impapuro zihatangirwa kuko ingendo zizoba ndende.

N’aho Abashingamateka bemeje ijana kw’ijana iyo nteguro y’itegeko, hari amakenga babanje gushikiriza. Fyonda hasi uyumvirize mu nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Desire Hatungimana.

Ukugabanya Intara z'Uburundi Vyoba Bigiye Kwegereza Ubutegetsi Abanyagihugu?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:43 0:00

XS
SM
MD
LG