Uko wahagera

Uburusiya Bwarashe Misile Zirenga 70 ku Butaka bwa Ukraine


Bimwe mu vyononywe na Misile z'Uburusiya muri Ukraine
Bimwe mu vyononywe na Misile z'Uburusiya muri Ukraine

Uburusiya bwarashe ibibombe vya misile birenga 70 ku butaka bwa Ukraine mu gitondo c'uno musi kuwa gatanu. Ni kimwe mu bitero bikomeye cane Uburusiya bukoze muri Ukraine kuva butanguye gutera ico gihugu.

Ivyo bitero vyatumye umuyagankuba ucika mu gihugu cose nk’uko bitangazwa n’abategetsi ba Ukraine. Abantu 2 bahasize ubuzima igihe ikibombe caraswa kw’igorofa babamwo mu gice co hagati mu gisagara ca Kryvyi Rih mu gihe uwundi yapfuye igihe ibibombe vyaraswa mu gisagara ca Kherson mu bumanuko bwa Ukraine.

Abategetsi bashizweho n’Uburusiya mu bice vyigaruriwe n’ico gihugu mu buseruko bwa Ukraine batangaza ko abantu 11 bapfuye mu bitero vya misile Uburusiya bwakoze uno musi kuwa Gatanu.

Abategetsi ba Ukraine bari bagabishije mw’ijoro ryo ku musi wa kane ko Uburusiya bufise imigambi yo gukora ibitero bikomeye mu ntango z’umwaka buca utangura w’i 2023. Ingwano muri Ukraine imaze gusenya vyinshi cane mu bice bitari bike vya Ukraine.

Uburusiya bwarakoze ibitero vy’ibibombe vya misile mu bibanza bitanga umuyagankuba vya Ukraine akatari gake kuva mu ntango z’ukwezi kw’icumi kw’uyu mwaka, inyuma y’uko butsinzwe ku rugamba akatari gake.

Yamara ibitero vy’uno musi kuwa gatanu bisa n’ivyononye vyinshi kurusha ivyabaye imbere yaho. Uburusiya buvuga ko ibitero vyabwo bigenewe guca intege igisirikare ca Ukraine. Yamara abategetsi ba Ukraine bavuga ko ivyo bitero ari ivyaha vyo mu ngwano. (Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG