Uko wahagera

CPI Yemeje ko Ongwen wo muri LRA Igwanya Reta ya Uganda Afungwa Imyaka 25


Dominic Ongwen mu butungane bwa CPI
Dominic Ongwen mu butungane bwa CPI

Igisata c’iyungururizo ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI cemeje igihano co gufungwa imyaka 25 cari cahanishijwe Dominic Ongwen wo mu muhari LRA urwanya reta ya Uganda. Yagiriwe n’ivyaha vyo mu ntambara n’ivy’agahomerabunwa vyakozwe n’uwo muhari LRA yari arongoye mu myaka y’2002-2005.

Abacamanza b’igisata c’iyungururizo ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI batangaje ko Dominic Ongwen, yahoze ari mu batwara umuhari LRA witwaje ibirwanisho mu gihugu c’Ubuganda yahanishijwe igihano gikwiranye n’ivyaha yakoze.

Yagiriwe n’ivyaha vy’ubwicanyi bwo mu ntambara, uguhohotera abantu, ugufata ku nguvu abakenyezi no kubarongoza bakiri bato, ivyaha vy’agahomerabunwa n’ibindi bishika kuri 61. CPI ivuga ko ivyo vyaha vyakozwe kuva mu kwezi kw’7 umwaka w’2002 gushika mu kwezi kwa 12 umwaka w’2005.

Yamara umucamanza Luz del Carmen Ibáñez Carranza, aturuka mu gihugu ca Pérou yasomye iyi ngingo, yasiguye ko hari bamwe mu bacamanza bari bipfuza ko igihano cahawe uwo mugabo w’imyaka 47 cogabanuka kubera na we nyene yabaye umwe mu bakozweko n’intambara y’umuhari LRA yahavuye arongora.

Uwo mucamanza yavuze ati « Na je nari nipfuza ko ico gihano kigabanuka kuko mu kwinjiramwo muri LRA, yatwaweyo akiri umwana ». Gusa, yemeza ko ingingo yafashwe ari ntasubirwamwo kandi ari iya bose, yega CPI.

Ababuranira Dominic Ongwen bari bitwaye banka igihano co gufungwa imyaka 25 yakatiwe mu kwezi kwa 5 umwaka uheze. Bari bavuze ko ico gihano ari kinini ko gidakwiranye n’ivyaha yagirizwa.

N’ubu bavuze ko bagaye urwaciwe n’aho atakundi bari bugire. Dominic Ongwen, yishikanye mu gihugu ca Centrafrika mu mwaka w’2015 amaze kumenya ko aronderwa n’ubutungane mpuzamakungu. Mu nyuma yajanywe gufungirwa i La Haye ku cicaro ca CPI.

Yagirizwa ko yari arongoye umurwi w’abarwanyi witwa « Bataillon Sinia » w’umuhari LRA wishe abantu benshi mu makambi 4 y’impunzi mu buraruko bw’Ubuganda.

CPI yatangaje ko n’uwutwara uwo muhari Joseph Kony, amaze imyaka 17 aronderwa buca urubanza rwiwe rutangura n’aho ataraboneka. CPI yasiguye ko imanza nk’izo ari izo guhasha ubwicanyi bw’indengakamere n’ihonyabwoko kugira ntibusubire gukorwa mu gihugu na kimwe kw’isi.

CPI yatangaje ko intambara Dominic Ongwen na mugenzi we Joseph Kony bari barongoye yahitanye abantu barenga ibihumbi 100, abarenga ibihumbi 60 baranyuruzwa mu gihugu c’Ubuganda.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika I La Haye mu Buholande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG