Uko wahagera

Misiri Isaba Amerika Gufasha mu Biganiro ku Matati y'Urugomero na Etiyopiya


Igihugu ca Misiri kiriko kirarondera gushigikirwa na Amerika kugira hasubire kuganirwa ku matati gifitaniye na Etiyopiya ku rugomero yubatse ku ruzi Nil.

Prezida wa Misiri, Abdel Fattah al-Sissi kuri uyu wa gatatu yasavye Amerika kuremera Etiyopiya kugira hasinywe amasezerano avuye mu mwumvikano kuri ico kibazo.

Mu rugendo arimwo i Washington mu nama iriko ihuza Afrika na Amerika, prezida wa Misiri yashikirije ico kibazo umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken. Umushikiranganji Blinken yaraganiriye kuwa kabiri n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed.

Umugambi w’urugomero, watangujwe mu 2011, watwaye imiriyaridi zine z’amadolari. Uzotuma Etiyopiya igwiza kabiri umuyagankuba wayo. Etiyopiya ibona ko urwo rugomero ari kirumara mw’iterambere ryayo. Misiri yo ibona ko ari intambamyi kuri yo, mu gihe Sudani nayo igabishije ku ngaruka mbi uwo mugambi uzogira ku buzima bw’amamiriyoni y’abanyagihugu bayo.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yaremeye kuzobandanya ibiganiro bigana kuri ayo masezerano, ariko igihugu ciwe kiza caratanguye kuzuza amazi muri urwo rugomero no kuruvyaza umuyagankuba.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG