Uko wahagera

Inama y’Abayobozi b’Afurika n’Amerika

Amerika Yemereye Afrika Imiriyaridi 55 z'Amadolari


Inama y'abayobozi ba Afrika na Amerika

Reta zunze ubumwe za Amerika yemeye kuzoha umugabane wa Afrika imiriyaridi 55 z’amadolari. Umuhanuzi mu bijanye n’umutekano muri White House, Jake Sullivan, yavuze kuri uyu wa mbere ko ayo mafaranga azotangwa mu kiringo c’imyaka itatu, akazofasha mu bisata bitandukanye.

Amerika yemeye ayo mafaranga imbere y’inama y’imisi itatu ihuza abakuru b’ibihugu 50 vya Afrika na Amerika kuva kuri uyu wa kabiri hano i Washington..

Jake Sullivan yavuze ko aya mafaranga azofasha mu bijanye n’iterambere, kugwiza ubutunzi, amagara y’abantu hamwe n’umutekano ku mugabane wa Afrika.

Sullivan yavuze kandi ko aya mafaranga atazotangwa ar'uko ibihugu vya Afrika bibanje gusabwa kwemera ko bidashigikiye intambara y’Uburusiya muri Ukraine. Mu kwezi kwa gatatu, ibihugu 13 vya Afrika vyahisemwo kutagira ico bivuze igihe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hari itora rinegura Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG