Uko wahagera

Abasitanteri Muri Rumonge Bagirizwa Kwiba Ibikoresho Vyo Gusanura Amashure


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Abasitanteri batatu n'umuhanuzi wa buramatari w'intara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero bw'Uburundi barafunzwe.

Ubushikirizamanza bubagiriza kwiba amabati n'isima vyari bigenewe gusanura amashure bahawe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.

Mw’ibohero rikuru rya Murembwe riri mu ntara ya Rumonge ni ho abo basitanteri n’umuhanuzi wa buramatari ajejwe gutunganya ikigega n’intwaro bafungiwe.

Ni abasitanteri b’amakomine ya Buyengero, Rumonge na Bugarama yo muri iyo ntara ya Rumonge nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitumenyesheje. Amasoko yacu yongerako ko uwa Buyengero afunganywe na sebukwe bitewe n’uko amwe mu mabati n’imifuko y’isima yagirizwa kuba yarivye babisanze yabinyegeje kwa sebukwe.

Uwa Rumonge na Bugarama barungitswe mw’ibohero ku musi wa gatanu basangayo mugenzi wabo wa Buyengero yari ahamaze imisi ibiri.

Imbere yo kurungikwa mw’ibohero rikuru rya Murembwe babanje gusambishwa n’umushikirizamanza mukuru wa Republika akukira sentare isubiramwo imanza ya Bururi mu bumanuko bw’igihugu.

Amakuru ava mu bajejwe ubutungane batashimye ko umwidondoro wabo umenyekana avuga ko hari ibimenyetso sindamusiga vyerekana ko bivye canke banyuruje amabati n’isima vyatanzwe n’ibiro vya Prezida Evaristo Ndayishimiye bigenewe gusanura no kwubaka amashure mu ntara ya Rumonge.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH amenyesha ko ifatwa n’ifungwa ry’aba bategetsi ari ikimenyetso ko ubutungane bwigenga kandi ata muntu ari hejuru y’amategeko.

Sixte Vigny Nimuraba aha yariko asoma itangazo ku musi mpuzamakungu wo guhimbaza imyaka 74 y’isinywa ry’amasezerano yo kubahiriza agateka ka zina muntu. Hari kuwa gatandatu mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura.

Itabwa muri yompi ry’aba basitanteri n’umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Rumonge ryakurikiye amajambo arimwo agashavu ya Prezida Evariste Ndayishimiye imisi mike imbere yaho mu ntara ya Kayanza mu buraruko. Yavuze ko abantu bashaka kubandanya barya ibiturire bazobanza kumutambuka umuvyimba.

Aho mu ntara ya Kayanza nyene, Daniel Gelase Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka asanzwe ari yo avukamwo yagabishije abanyonora amatungo ya Reta ko bazokubitwa iz’abayobe nk’uko vyahora bikorwa umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ukirwanira mw’ishamba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG