Uko wahagera

Abimukira 27 ba Etiyopiya Batowe Bishwe i Lusaka muri Zambiya


Abimukira bava muri Etiyopiya
Abimukira bava muri Etiyopiya

Igiporisi ca Zambiya kuri uyu w’Imana catoye ibiziga 27, bikekwa kuba abimukira bava muri Etiyopiya. Abategetsi bavuze ko vyatowe aho vyatawe mu mirima mu micungararo y’umurwa mukuru Lusaka. Bakekwa kuba bishwe n’inzara hamwe n’uburuhe.

Amatohoza y’ibanze yerekana ko abo bantu bose bari abagabo b’imyaka iri hagati ya 20 na 38, kandi batawe ku nkengera z’ibarabara n’abantu bataramenyekana.

Abimukira b’abanyetiyopiya bakunze guca muri Zambiya batumbereye gushika muri Afrika y’Epfo kuronderayo ubuzima bwiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG