Uko wahagera

Umuririmvyi wo muri Kongo Elizabeth Tshala Muana Yitavye Imana


Umuhisi Tshala Muana
Umuhisi Tshala Muana

Umuririmvyi wo muri Kongo, Elizabeth Tshala Muana, yitavye Imana ku myaka 64. Ubushikiranganji bw’imico kama muri Kongo bwatangaje ivy’urupfu rwiwe, buvuga ko azokwibukirwa ku rugamba rwo kurwanira Kongo nziza na Afurika nziza, umuziki wiwe wo mu mudiho wa Rumba uvanze na Luba itambwa muri Kongo.

Icahitanye Elizabeth Tshala Muana nticatangajwe. Umukunzi wiwe , Claude Mashala, akaba n’umunyepolitike, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yatangaje ano makuru, avuga ko uwiwe yashengeye mu gatondo k’uno wa gatandatu. Yashimiye Imana ku bihe vy’ivyishimo yahaye abatandukanye, amusezera avuga ati: "Ni agasaga Mamu wanje". Nta kirenze aho yatangaje.

Abamwegereye bemeje ko ku wa gatanu mw’ijoro yari yagiye kwa muganga inyuma yo kumva amerewe nabi. Tshala Muana yari amaze igihe aboneka cane muri politike, aho yafasha abanyepolitike batandukanye mu kwiyamamza biciye mu ndirimbo ziwe.

Mu bo yafashije kwiyamamaza, harimwo Laurent-Désiré Kabila yahoze ari prezida wa Kongo n’umuhungu wiwe Joseph Kabila, yamusubiririye. Mu 2019, inzego zijejwe umutekano muri Kongo zamutaye muri yompi zimuziza indirimbo yiwe “Ingratitude” (bisigura kudashima). Yaje kurekurwa inyuma yo gusigura ko atayiririmvye anebagura Prezida Félix Tshisekedi.

Indirimbo za Elizabeth Tshala Muana zakunzwe cane zirimwo Lwatuye, Karibu Yangu, Nasi Nabali n’izindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG