Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Grant Wahl Yitavye Imana


Nyakwigendera Grant Wahl
Nyakwigendera Grant Wahl

Umumenyeshamakuru w’umunyamerika, Grant Wahl, ari mu bamenyeshamakuru ba siporo bazwi cane, yaraye yitavye Imana. Yaguye muri Katari aho yari yagiye gukora inkuru ku mikino yo guhiganira igikombe c’umupira w’amaguru.

Umumenyeshamakuru yari yicaranye na nyakwigendera, barorera umukino wahuje Argentine n’Ubuholande, yavuze ko Grant yagwishije umugonngo yicaye, bagenzi biwe baca bahamagara abaganga, baje batebuka kumutabara. Inyuma yaho, bagenzi biwe babikiwe, babwirwa ko yashengeye.

Ku wa gatatu w’ino ndwi, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Grant Wahl, yari yavuze ko yakwije imyaka 48 y’amavuko.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, bwahojeje umuryango wa Nyakwigendera Grant, buvuga ko bubabajwe n'urupfu rwiwe. Bwemeje ko buriko buravugana n'abategetsi ba Katari, kugira ikiziga ciwe gitahukanwe bidatevye nkuko umuryango uvyipfuza.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Amerika, naryo ryashimagije ubutwari n’ubunyamwuga bwamuranze rigira riti: “ Grant azokwama ari akarorero ka benshi. Yarerekanye ko inkino zishobora kwishimikizwa mu guteza imbere agateka ka muntu. Biragoye gutahura ko tutazongera kumubona, no gusoma inkuru ziwe nziza.”

Grant mu misi iheze, yafunzwe gato n'abajejwe gucungera umutekano muri Katari bivuye ku mupira yari yambaye, werekana ko ashigikiye abakundana bahuje ibitsina.

Abaganga ntibaravugira ku mugaragaro icamuhitanye. Gusa, ku wa mbere yanditse ku rubuga rwiwe rwa interneti ko yabonanye na muganga, agira ati:" Umubiri wanje urananiwe. Maze indwi zitatu ntasinzira neza, mfise umwitwarariko urengeje urugero. Imbeho n’inkorora maranye imisi irenga cumi, vyavyaye ikindi kintu giteye ubwoba. Ndababara mu gikiriza”.

Yabandanije ubwo butumwa bwiwe avuga ko ata bwandu bwa Virusi ya Corona abaganga bamusanganye agira ati: “ Abaganga bambwiye ko nshobora kuba mfise bronshite. Bampaye ibinini nja natanguye gufata, ka mitende ni bukebuke, naho ntaramera neza namba.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG