Uko wahagera

Imyaka 100 Isanze Ibitaro Vya Gitega Mu Bukene Ntangere


Abarwayi mu bitaro vya Gitega mu Burundi

Mu Burundi ibitaro mpuzantara vya Gitega vyugarijwe n’ubukene bw’ivya nkenerwa harimwo abaganga b’abahinga.

Ni mu gihe ivyo bitaro bimaze imyaka ijana bishinzwe. Abivuriza kuri ivyo bitaro bagasaba ko vyoronswa ivya nkenerwa bikongera bikagurwa.

Uburongozi bw’ivyo bitaro bumenyesha ko iterambere ry’avyo ritajanye n’ibihe.

Abagwayi bitura ivyo bitaro vyo mu gihugu hagati ni bo bahura n’ingaruka mbi ziturutse kw’ibura ry’abo baganga b’abahinga.

Abanywanyi b’Ijwi ry’Amerika bishikiye muri ivyo bitaro vyakira ku bwinshi abavuye mu ntara zihana imbibe na Gitega. Basanze koko abagwayi bari mu mwiheburo udasanzwe.

Ibitaro mpuzantara vy’i Gitega biriko birahimbaza yubire y’imyaka ijana, vyubatswe mu 1922. Muganga Ndihokubwayo abirongoye akavuga ko bifise ububasha bwo kuryamika mu bitaro abagwayi 321.

Ku musi ibitaro arongoye vyakira abagera kw’158 barimo 34 binjira ibitaro mu gihe 124 ari bo bavurwa bagataha. Yemeza ko ibitaro arongoye bitera vyaga, na we nyene agasaba Leta kuvyagura kuko abavyitura batera baba umurengera.

Ubukene mu bitaro vya Gitega.mp3
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG