Uko wahagera

Ubudagi Bwahagaritse Abantu Bikekwa Ko Bafise Umugambi Wo Gutembagaza Reta


Abashikirizwamanza ba reta bamenyesha ko abajejwe umutekano bashika basatse ibibanza 130 mu ntara 11 kuri 16 z’igihugu
Abashikirizwamanza ba reta bamenyesha ko abajejwe umutekano bashika basatse ibibanza 130 mu ntara 11 kuri 16 z’igihugu

Reta y’Ubudagi yahagaritse umurwi w’abantu bariko bategura gutembagaza ubutegetsi.

Abashatse gutembagaza ubutegetsi bari mu murwi wiyita “Umuhari Reich w’abenegihugu”. Abategetsi bavuga ko hamaze gufatwa abantu 25.

Abashikirizwamanza ba reta bamenyesha ko abajejwe umutekano bashika ku 3,000 basatse ibibanza 130 mu ntara 11 kuri 16 z’igihugu.

Bamwe mu banywanyi b’uwo muhari ntibemera ibwirizwa shingiro rihari ryashizweho inyuma y’intambara ya kabiri y’isi. Abo nabo bateye akamo gasaba gutembagaza ubutegetsi.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Marco Buschmann, yavuze ko ivyo bisa n’ibikorwa vy’iterabwoba. Yongeye avuga ko abo bantu bashobora kuba bariko bitegura kugira ibitero ku nzego za reta.

Umuyobozi mukuru ajejwe umutekano yavuze ko abo bantu bateguye uwo mugambi bisunga ivyiyumviro bitagira ishingiro kandi bihagaze ku binyoma.

Abashikirizwamanza bavuga ko 22 muri bo ari Abadagi bakekwa kuba ari abanywanyi b’uwo “muhari w’iterabwoba”. Abandi bantu barimwo Umurusiya yafashwe akekwa kuba ari mu bafasha uwo muhari.

Abandi bantu 27 bariko baragigwako amatohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG