Uko wahagera

Ububirigi Bwuguruye Urubanza rw'Abagirizwa Iterabwoba ryo mu 2016


Ububirigi bwongeye kuri uyu wa mbere kuburanisha abagirizwa ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu 2016 ku murwa mukuru Buruseli. Ivyo bitero vyabereye ku kibuga c’indege no ku kibanza gitegererwamwo itereni. Vyahitanye abantu 32, n’abandi amajana bakomeretse.

Abantu cumi ni bo bakurikiranwa ku kuba baragize uruhara muri ivyo bitero vy’ubwiyahuzi vyo mu kwezi kwa gatatu, 2016. Abategetsi bavyegeka ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Ababuranishwa bagirizwa kuba barakoze ivyo bitero ku gatwe kabo canke barabifashijemwo. Batatu muri abo biyahuzi baciye bapfana n’abandi banyagihugu bamuka mu bihugu bitandukanye.

Batanu muri aba bagirizwa ubwo bwicanyi, baraburanishijwe i Paris, mu bindi bitero nk’ivyo vyabereye ku murwa mukuru w’Ubufaransa, bihitana abantu 130. Muri abo bagizi ba nabi harimwo, Salah Abdeslam, ubu afunzwe ubuzima bwiwe bwose.

@VAO

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG