Uko wahagera

Imyuzure Yishe Abayoboke 9 b'Idini muri Afrika y'Epfo


Abatabara bariko barondera mu mazi y'uruzi Jukskei muri Johannesburg, afrika y'epfo, kw'itariki ya 04/12/2022
Abatabara bariko barondera mu mazi y'uruzi Jukskei muri Johannesburg, afrika y'epfo, kw'itariki ya 04/12/2022

Muri Afrika y’epfo, abategetsi bo mu gisata kijejwe gutabara mu biza, bavuze ko abantu bashika icenda bapfuye abandi umunani baburiwe irengero. Hari inyuma y’aho uruzi rutwariye abayoboke b’ishengero bari bakoraniye ku ruzi Jukskei bari mu mugirwa w’urubatizo.

Abategetsi bavuze ko baba abapfuye canke abatwawe n’uruzi, bose bari abayoboke b’iyo sengero yariko irabatiza ku musi wa gatandatu i Johannesburg igihe imyuzure yatera. Ibiziga bibiri vyatowe ku musi wa gatandatu, ibindi indwi bisigaye vyatowe kuri uyu w’Imana mu gatondo.

Abanyamashengero bakunze gukoranira ku ruzi Jukskei mu migirwa yo kubatiza. Umuvugizi w’igisata kijejwe gutabara mu biza, Robert Mulaudzi, yavuze ko igisagara ca Johannesburg caronse imvura nyinshi cane mu mezi atatu aheze kandi ko gushika n’ubu inzuzi zicuzuye.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG