Uko wahagera

Abanyamulenge Basezeye Mu Biganiro Bibera Muri Kenya


Abanyamulenge bahunga imirwano I Minembwe
Abanyamulenge bahunga imirwano I Minembwe

Abaserukira ubwoko bw'Abanyamulenge n'imirwi yo kwirwanako yabo bivanye mu biganiro vya Nairobi vyo kurondera umuti w'amatati n'intambara ziri mu buseruko bwa Repubulika ya demukarasi ya Kongo.

Enock Ruberangabo aserukira ubwoko bw'Abanyamulenge muri ivyo biganiro yabwiye Ijwi ry'Amerika ko abavyeyi baburiye abana mu bitero vyabaye kuri uyu wa gatatu mu Minembwe muri Kivu y'epfo ari bo babasavye kubanza kubangira.

Mu vyo basaba kugira asubire muri ivyo biganiro harimwo ukwirukana muri vyo abaserukira imihari y'inyeshamba z'aba Mai Mai zagirizwa kuba zishe abantu 7 zigakomeretsa abandi 10 mu Minembwe.

Yemera ko guhagarika kuja mu biganiro atariwo muti mugabo ku vyari ngombwa na rirya babisabwe n’imiryango yaburiye ababo muri ivo bitero vyo ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Ruberangabo anavuga ko ata muntu n’umwe yoreka kubatahura akabitiranya n’imbongamizi y’ibiganiro.

Abagirizwa n’ubwoko bw’Abanyamulenge kuba barakoze ibitero vyahitanye abantu mu Minembwe benshi Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kubaronka.

Yamara Aimable Nabulizi, umuvugizi wa Mai Mai Bilozebishambuke,umwe mu mirwi yagirizwa yatubwiye mu butumwa buto bwanditse ko ahubwo abagwanyi b’umuhari wa Twirwaneho ugizwe n’Abanyamulenge bateye ibirindiro vy’aba Mai Mai ku musi wa gatatu nabo babona kwivuna. Yongeyeko ko ibaye incuro y’indwi bagabwako ibitero aho hantu mu gihe gito.

Kugira imirwi itandukanye iserukira Abanyamulenge isubire mu biganiro,yasavye ibintu bitari bike birimwo ukwirukana mu biganiro abakomeza gukora ibitero muri Kongo.

Ku wa kabiri, intumwa idasanzwe ya reta ya Kongo muri ibi biganiro, Serge Tshibangu yari yavuze ko imirwi itazemera gushira ibirwanisho hasi igiye kwibonerako.

Ivyo biganiro vy’i Nairobi Abanyamulenge biyonjoroyemwo biriko biba umuhari wa M23 wigaruriye uturere twinshi muri Kivu y’uburaruko kuva mukwa gatandatu uyu mwaka utarimwo.

Kuri uyu wa kane, igisirikare ca Kongo cawagirije kuba warishe abantu barenga 50 mu turere utwara. Nawo wavuze ko ari amayeri yo kuwankanisha n’abanyagihugu usaba ko haba amatohoza yigenga unagabisha ko hashobora kuba ihonyabwoko mu karere ka Masisi kabamwo abavuga ururimi rw;Ikinyarwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG