Uko wahagera

Prezida Buhari: Intambara muri Ukraine Yongereje Ibirwanisho mu Karere k'Ikiyaga Cadi


Prezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari ashikirza ijambo igihe hariko haratanguzwa ifaranga rishasha rya Nijeriya i Abuja, kw'itariki ya 23/11/2022
Prezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari ashikirza ijambo igihe hariko haratanguzwa ifaranga rishasha rya Nijeriya i Abuja, kw'itariki ya 23/11/2022

Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari avuga ko intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine iriko iratuma ibirwanisho n’abarwanyi vyinjira mu karere k’ikiyaga Cadi. Mw’ijambo yashikirije ku musi wa kabiri, mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri ako karere, yavuze ko biriko bituma imihari y’iterabwoba irushiriza gukomera.

Prezida Buhari yahamagariye ko haba ukwama barikanuye no gukorera hamwe kw’ivyo bihugu bitandatu vyo muri ako karere kw’igwirirana ry’ibirwanisho. Avuga ko ibirwanisho bigenewe intambara muri Ukraine n’ivyo kurwanya iterabwoba muri Sahel bica bitwarwa muri Afrika y’uburengero bigatahira mu minwe y’imirwi y’iterabwoba.

Ambasade z’Uburusiya na Ukraine i Abuja ntaco zashimye kuvuga kuri ivyo vyavuzwe na prezida wa Nijeriya.

Ariko ibihugu vyo muri ako karere, biri mu bibazo vy’ubukene ku buryo hafi igihugu cose kitagishobora gushitsa intererano ya buri mwaka yo kurwaniriza hamwe iterabwoba.

Kuri uyo wa kabiri nyene, Prezida Buhari yaciye ashikiriza uburongozi bwa komisiyo yo muri ako karere yo kurwanya iterabwoba, Mahamat Idriss Deby Itno, prezida w’imfatakibanza wa Cadi.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG