Uko wahagera

Maroke Yatsinze Ububirigi 2-0


Umukinyi wa maroke Maroke Zakaria Aboukhalal ahejeje gutsinda Ububirigi muri mondiale muri katari, i Doha, kw'itariki ya 27/11/2022.
Umukinyi wa maroke Maroke Zakaria Aboukhalal ahejeje gutsinda Ububirigi muri mondiale muri katari, i Doha, kw'itariki ya 27/11/2022.

Ekipe nserukiragihugu ya Maroke yaraye ihambije Senegal mu mirwi itanu yaserukiye Afrika, mu gutsinda mu nkino zo guharanira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru ziriko zirabera muri Katari. Maroke yirahiye Ububirigi ku bitsindo 2-0.

Iyi ntsinzi ihaye Maroke umwanya wa mbere w’imfatakibanza mu murwi irimwo wa F, n’Ububirigi, Canada na Crowasiya. Gushika ubu Maroke isa n’iyifise amahirwe yo kuzoba mu makipe 16 azobandanya muri kimwe c’umunani muri iri higanwa.

Ejo kuw’Imana, izo nkino zarabandanije, zinjiye ku musi wazo ugira indwi, aho hakinye amakipe yo mu mirwi ya E na F.

Mu murwi E, Ubuyapani bwatsinze Costa Rica 1-0, Esupanye inganya n’Ubudagi 1-1. Nayo mu murwi F, Maroke yatsinze Ububirigi 2-0, mu gihe Krowasiya yirahiye Canada 4-1.

Kuri uyu wa mbere, hategekenijwe gukina amakipe yo mu mirwi G na H, aho Kameruni, mu rukino rwayo rwa kabiri ihura na Serbiya. Ni urukino ibwirizwa gutsinda atari aho ishobora guca isezererwa.

Izindi nkino zihuza Ghana na Koreya y’Epfo, Brezile n’Ubusuwisi, hamwe Portugal na Urugwaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG