Uko wahagera

Urunani Rwasezerewe mu Nkino zo Kurondera Itike yo Kuja muri BAL


Umurwi wo mu Burundi, Urunani wasezerewe na City Oilers yo muri Uganda mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino za Basketball Africa League (BAL) zizobera mu Rwanda mu mwaka uza.

City Oilers yatsinze Urunani ku munota wa 71 kuri 62 mu rukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu inyuma yaho uwo mugwi w’i Bujumbura utsindiwe mu gice ca kabiri gishira ica nyuma na Ferroviario de Beira ku manota 68 kuri 62.

Mu mupira w’amaguru naho, umugwi wa Bumamuru ni wo uri mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino 14. Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi kuri uno w’Imana niho ryasozera indwi igira iya 14.

Mu nkino zabaye, Flambeau du Centre yatsinze Burundi Sport Dynamique ibitsindo bibiri kuri kimwe, na Tigre Noir ni vyo yatsinze Rukinzo, Magara Young Boyw yasinze Buja City ibitsindo bibiri ku busa, na Inter Star yatsinze Top Junior bibiri nyene ku busa, Kayanza United yatsinze Aigle Noir igitsindo kimwe ku busa ni ko kandi vyagenze hagati ya Vital’o na Musongati ku ntsinzi ya Vital’o, Olympic Star yanganije na Messager Ngozi ubusa ku bundi nayo Bumamuru yirahiye Athlético New Oil mu kuyitsinda ibitsindo bine kuri kimwe.

Uwo mugwi wo mu ntara ya Cibitoke mu gihe hasigaye urukino rumwe ngo igice ca mbere c’ihiganwa ngo kirangire niwo uri mu kibanza ca mbere. Mu gisata c’abigeme naho, mw’ihiganwa ry’Uburundi mu cicaro ca mbere, urukino rwari rutegerejwe cane ku ndwi igira gatatu rwahuza PVP Buyenzi na Fofila yo mu ntara ya Ngozi.

Iyo migwi yavanye inganije kimwe ku kindi. Umumenyereza wa Fofila Nshimirimana Patrick amenyesha ko inota rimwe batahukanye imbere ya mukeba wabo barishima.

Mu gihe uwo mumenyereza wa Fofila ashima uko abakinyi biwe bitwaye, uwa PVP Buyenzi Manirakiza Amouri wewe amenyesha ko kudatsinda abahagarikizi babifisemwo uruhara.

Mu rukino rwo gusubiriza, umumenyereza w’uwo mugwi w’i Ngozi amenyesha ko bazitegura ku buryo intsinzi bazoyitahukana.

Mu zindi nkino zabaye mu Burundi, Buja Queens yatsinze Intwarikazi igitsindo kimwe ku busa, Onze Etoile yanganjije na Bon Avenir igitsindo kimwe ku kindi nayo Etoile du Matin yatsinze les Lionnes ibitsindo umunani kuri kimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG