Uko wahagera

Ikipe ya Maroki Yatsinze iy'Ububirigi


Abashigikiye Maroki

Imikino y’igikombe c’umupira w’amaguru irabandanya kubera muri Katari. Ikipe ya Maroki, Les Lions de l'Atlas, yatsinze iy’Ububirigi 2 ku busa.

Intsinzi ya Maroki itumye ico gihugu kija vy’imfatakibanza kw’isonga ry’umurwi, F. Maroki ni co gihugu ca 2 co kumugabane wa Afurika kugera ino saha kimaze kugira umukino gitsinda: Kije gikurikira Senegali yatsinze Maroki 3 kuri kimwe. Muri rusangi, ibihugu vya Afurika biri muri iyo mikino ni 5.

Abakinyi Sabiri na Haboukhlal ni bo bahesheje intsinzi Maroki. Amahirwe yo kuja mu ma ekipe 16 ari imbere yiyongereye kuri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG