Uko wahagera

Kameruni Yatsinzwe 2-1 mu Rukino rwa Mbere muri Katari


Igikombe cy’isi 2022
Igikombe cy’isi 2022

Inkino z’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru zarabandanije ejo ku musi wa kane umusi wagira uwa gatanu w’iryo higanwa.

Mu rukino rwa mbere mu murwi G, Ubuswise bwatsinze Kameruni igitsindo ku busa cinijwe n’umukinyi, Breel Embolo, afise amamuko muri Kameruni ku munuta wa 48. Embolo ntiyahimbaje ico gitsindo kubera icubahiro afitiye igihugu c’amamuko yiwe. Urwo rukino rwabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru ca AL Janoub muri Katari.

Embolo yimukiye mu Buswise avuye muri Kameruni n’umuryango wiwe afise imyaka itandatu. Yemeye gukinira Ubuswise inyuma y’uko bumuhaye ubwenegihugu mu mwaka w’i 2014.

Imbere y’urukino hagati y’Ubuswise na Kameruni yatangaje ko ari akaryo keza kuri we k’ukukina na Kameruni.

Umumenyereza wa Kameruni, Rigobert Song, yatangaje inyuma y’urukino ko yari kuba yifuje ko Embolo akinira igihugu ciwe. Yamara yavuze ko amufitiye icubahiro.

Song yavuze ko urukino rukwirikira na Serbiya ruzoba rukomeye cane niba hari amahirwe bazoba bafise y’ukuva mu nkino z’amajonjora bakunguruza muri kimwe c’umunani. Igihe Kameruni yashika muri kimwe ca kane hari mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1990.

Ku vyerekeye Ubuswise, intsinzi yabwo irabaha ituze imbere y’urukino rukwirikira ruzobuhuza na Brezil ku musi wa mbere.

Mu rukino rwa kabiri mu murwi H, Koreya y’epfo yakinye na Uruguay. Iyo mirwi yompi yarangije urukino ifise ubusa ku bundi. Umurwi H uracuguruye.

Mu rukino rugira gatatu rwabaye ejo ku musi wa kane, mu murwi H, Portugal yatsinze Ghana ibitsindo bitatu kuri bibiri. Ku ruhande rwa Portugal, abakinyi binjije ibitsindo ni Cristiano Ronaldo ku munuta wa 65 kuri penalty, Joao Felix ku munuta wa 78 hamwe na Da Conceicao ku munuta wa 80.

Ku ruhande rwa Ghana, abakinyi binjije ibitsindo ni Andre Ayew ku munuta wa 73 na Bukari ku munuta wa 89. Ronaldo yinjije iyo penaliti inyuma y’uko atezwe n’umukinyi wa Ghana yitwa Mohammed Salisu.

Mu nkino zikwirikira Ghana izokina na Koreya y’epfo ku musi wa mbere mu gihe Portugal izokina na Uruguay ku musi wa mbere nyene.

Urukino rugira kane ejo ku musi wa kane rwahuje Brezil na Serbia mu murwi G. Brezil yatsinze n’ibitsindo 2 ku busa bwa Serbiya. Ivyo bitsindo uko ari bibiri vya Brezil vyinjijwe n’umunkinyi yitwa Richarlison ku munura wa 62 n’uwa 73.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG