Uko wahagera

Ghana Ifise Imigambi y'Ukugura Ibitoro Ikoresheje Inzahabu


Ahacukumburirwa Inzahabu za Ghana
Ahacukumburirwa Inzahabu za Ghana

Ghana ifise imigambi y'ukugura ibitoro ikoresheje inzahabu ah'ugukoresha amadolari.

Icegera ca prezida wa Ghana, Mahamudu Bawumia, yasiguye ko iyo ngingo igenewe gutorera inyishu ikibazo c’amafranga y’agaciro ari mu bubiko ariko atera agabanuka bikomeye.

Uko ibintu bimeze muri iki gihe, biriko bituma agaciro k’ifranga ryo muri Ghana ryitwa, cedi, kagabanuka mu gihe ubuzima bw’abanyagihugu butera buzimba kurushiriza.

Visi-Prezida Bawumia avuga ko n’iyo uwo mugambi mushasha washirwa mu bikorwa nk’uko utegekanijwe mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’i 2023, uzogabanya bikomeye ugutakaza agaciro kw’ifranga ry’igihugu.

Gukoresha inzahabu vyotuma ukugene ifranga ry’igihugu rivunjwa mu madolari bitagira ingaruka igaragara ku bitoro mu gihe abanyagana batoba bagikeneye amafranga y’agaciro kugira bagurire hanze ibitoro. Uwo mutegetsi avuga ko ingingo y’ugukoresha inzahabu mu kugura ibitoro ari ihinduka rikomeye cane.

Uwo mugambi ufashwe mu gihe umushikiranganji ajejwe ikigega muri Ghana, Ken Ofori-Atta, yatangaje ingingo zigenewe kugabanya amafranga reta ikoresha
n’ukwongereza ayo yinjiza mu numbero y’uguhangana n’ikibazo c’ideni gitera kiyongera bikomeye cane. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG